Ubwongereza: Bariko baraha ikaze abashitsi baje kw’ihwaniro mpuzamakungu
KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE
Uburaya
IBIHUGU 47
ABANYAGIHUGU 743.421.605
ABAMAMAJI 1.614.244
INYIGISHO ZA BIBILIYA 842.091
Kwihenda vyavuyemwo inyigisho
Ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i Londres mu Bwongereza ryabaye ikiringo giteye umunezero ku Vyabona bavuye mu bindi bihugu hamwe n’abasangwa. Andrew na Elizabeth baragiye kw’ihoteli imwe y’i Londres, bajanywe no kuramutsa bamwe mu bashitsi bari bavuye mu bindi bihugu. Bakubise ijisho umugore umwe yari yambaye neza yari kw’iyakiriro, baciye bibaza ko ari umushitsi yitavye ihwaniro. Elizabeth yaramuguye mu nda n’igishika cinshi. Nya mugore yarakangutse, Elizabeth aca aramusaba ikigongwe ati: “Urantunga, nagira ngo uri mu bashitsi bacu!”
Nya mugore na we ati: “Abashitsi bwoko ki?”
Elizabeth yaciye amwereka icapa cari ng’aho giha ikaze Ivyabona vya Yehova. Erega yarumiwe yumvise ivyo uwo mugore yaciye avuga! Yavuze ati: “Reka kumbwira! Burya nsa n’Ivyabona?”
Ikiyago carabandanije, Elizabeth ahava aramenya ko uwo mugore yitwa Vivien, ko aturuka muri Nijeriya be n’uko ari umubanyi wiwe. Vivien yaremeye kwiga Bibiliya kandi yaripfuza ko n’abana biwe bayiga. Andrew na Elizabeth baragiye kuraba Vivien muhira. Ico gihe hoho ni we yaciye abagwa mu nda n’igishika cinshi. Vivien yari yakozwe ku mutima cane n’ico kintu cabereye i Londres giturumbuka. Igihe Andrew na Elizabeth bamwereka igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, barumiwe ababwiye ko asanzwe agifise be n’uko ahora agisoma ari kumwe n’abana biwe bane. Bamaze kumubwira ko ico gitabu gikoreshwa mu kwiga Bibiliya, Vivien yaciye ababwira ati: “Dutangure rero!”
Ikete rikora ku mutima
Muri Munyonyo 2014, ishengero rya mbere rikoresha ururimi rwitwa romani ryarashinzwe muri Slovakiya. Kw’iteraniro ry’umuzunguruko riheruka, abamamaji 21 bavuga urwo rurimi barabatijwe. Bose bava mu kigwati kimwe. Abitavye Icibutso muri iryo shengero bari abantu 495. Umuvukanyi umwe aheruka kubatizwa yanditse ati:
Slovakiya: Bariko barabwira inkuru nziza umugore wo mu bwoko bw’aba Roms
“Ndi mu bwoko bw’abantu bakengeretse (Roms), nkaba mba i Žehra muri Slovakiya. Mu karere mbamwo, abazungu benshi baradusuzugura, bakabona ko turi abanyamwanda, ko tubesha be n’uko twiba. Umusi umwe naragiye ku rusengero, umukuru warwo aca aranyirukana ambwira ko ntabereye kubajamwo. Uca wumva ingene nari nsigaye mbona abazungu maze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo. Ivyabona vya Yehova bahavuye bantumira ku Ngoro y’Ubwami. Nagiye nkebwa, niteze ko na bo nyene baza kumfata nabi. Ntaraninjira mu Ngoro y’Ubwami, naratangaye mbonye umuzungu aza akampa ukuboko, akampa ikaze n’igishika. Noba ndakubeshe ndakubwiye ko numvirije insiguro. Naguma gusa niyumvira nti: ‘Ko aba bantu bose banyakiriye neza!’
“Iryo joro ryose sinatoye n’ak’imbwa. Naguma niyumvira ivyabaye ku Ngoro y’Ubwami. Naciye mfata ingingo yo gusubirayo kugira ndabe ko umutima mwiza bangaragarije atari ikintu cashitse uwo musi gusa. Ico gihe hoho vyabaye ibindibindi. Wamengo tumaze igihe turi abagenzi! Sinasubiye gusiba amakoraniro, kandi nahavuye mbatizwa. N’inyuma y’ibatisimu, umutima mwiza w’abavukanyi ntiwigeze uhinduka kandi babandanije kunyereka ko mfise agaciro. Hari igihe bampa ivyo kurya vyiza kuruta n’ivyo bo ubwabo barya! Sinorota mva muri iri shirahamwe, kandi Yehova ni we Mana nipfuza gukorera ibihe bidahera.”
Isengesho ryiwe ryarishuwe
Mushiki wacu yitwa Aysel yari muri bisi ava mu gisagara ca Ganja aja i Baku muri Azerbayijani. Yarasenze Yehova amubwira ko yipfuza kugenda araganira n’umuntu ivyerekeye Bibiliya. Naho Aysel yari yamaze kuronswa aho yicara, hari umugore yamusavye ashimitse ngo bicarane. Aysel yaratanguye kuganira n’uwo mugore, ahava arerekeza ico kiganiro kuri Bibiliya. Uwo mugore yaravuze ko akunda Yezu be n’uko yipfuza kumenya vyinshi ku bimwerekeye. Aysel n’uwo mugore barahanye inomero za telefone maze basezerana kuzosubira kubonana. Uwo mugore yarasavye Aysel ko bishobotse yomuzanira Bibiliya.
Igihe Aysel yasubira i Ganja, yaragiye kuraba uwo mugore aho akorera. Uwo mugore yaramubwiye ko afise “igitabu c’ibisabisho” yama asoma buri musi. Aysel yaratangaye asanze ari agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi ko mu 2013! Inyigisho ya Bibiliya yaratanguye, kandi Aysel yarahimbawe no kuba Yehova yaramuhaye umutima rugabo wo kwamamaza akaryo kizanye.
Ikete ryo gukenguruka ryanditswe n’imbohe
Iri kete ryavuye muri Espanye:
“Mbanje kubashimira kubera akigoro mugira kugira abantu b’uburyo bwose bumve ubutumwa bwo muri Bibiliya.
“Haraheze imyaka 15 mvuganye n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere i Tiranë muri Albaniya. Naratangajwe n’ukubona Icabona arinduka akatwegera kandi twari akagwi k’abasore b’abagizi ba nabi bashika kw’icumi. Nta n’umwe yubahuka kutuvugisha, ariko uwo muvukanyi yaratuvugishije naho twari dufise ibirwanisho. Yaratubwiye ivyerekeye Bibiliya ata bwoba. Uburindutsi bwiwe bwarantangaje cane.
“Haraciye imyaka ine Icabona umwe angendeye mw’ibohero aha muri Espanye, aca ansaba ko twokwiga Bibiliya. Naremeye kandi kuva ico gihe narahindutse. Narahevye gusinda. Haraciye imyaka ata muntu tugiraniye ingorane. Naramenye Yehova, kandi vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero. Ndagerageza kubana amahoro n’abo turi kumwe, kandi ndamaze umwaka urenga ndi umwamamaji.
“Naho maze imyaka 12 mpfunzwe, muri iyi myaka 4 iheze, naragize umunezero n’amahoro yo mu mutima ntari bwigere ngira. Ku bw’ivyo, ndakengurukira Yehova buri musi.
“Haraheze amayinga makeyi ndavye amavidewo amwamwe yo kuri jw.org. Ividewo y’umuvukanyi yari mw’ibohero muri Amerika yarankoze ku mutima cane. Sinkunda kurira, ariko igihe nabona amahinduka yagize mu buzima, amosozi yantanze hasi.
“Ese Yehova yobandanya guhezagira utwigoro mugira two gutuma inkuru nziza ishikira abantu b’uburyo bwose mu kuyihindura mu ndimi nyinshi no mu kutugendera twebwe abanyororo.
“Murakoze cane.”
‘Nararonse amahoro yo mu mutima’
Uwitwa Felicity w’imyaka 68 aba muri Suwede. Avuga ati: “Namye numva ko hari ico mbuze mu buzima be n’uko ubuzima bwanje butagira intumbero. Naguma nipfuza kugira amahoro yo mu mutima ariko sindayaronke.” Kubera ko inyigisho zo muri Gatolika zitamunyuze, yaciye atangura gusuzuma inyigisho z’amadini atandukanye maze asanga yisutse mu vy’uburozi n’ubupfumu.
Kubera ko yagumye yumva ko hari ikintu abuze mu buzima, yarihebuye cane gushika n’aho agomba kwiyahura. Yigana ati: “Narasemereye nsaba Imana ngo imbwire ico yipfuza ko nkora, umwosori wandenze. Haheze indwi zibiri, hari umuntu yadodoye iwanje. Nuguruye, nasanze ari umusore akeye mu maso, aca arambaza ko noshima kwumviriza Ijambo ry’Imana. Naciye mbwira Imana mu mutima nti: ‘Oya Mana, ibi si vyo nagusavye. Sinagusavye Ivyabona vya Yehova!’”
Naho yumva umengo yoca yugara umuryango, yahisemwo kwumviriza maze aremera kwiga Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Avuga ati: “Vyaratumye mpindura ukuntu nahora mbona Bibiliya.” Felicity yabatijwe kw’ihwaniro ry’akarere ryabaye muri Suwede mu 2014. Ubu avuga ati: “Kuva kera namye ndondera amahoro yo mu mutima, none naratevye ndayaronka.”