ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb16 rup. 143
  • Umukunzi nyawe umumenyera mu magorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umukunzi nyawe umumenyera mu magorwa
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
yb16 rup. 143
Inzu zasitaguwe na nyamugigima muri Endoneziya

ENDONEZIYA

Umukunzi nyawe umumenyera mu magorwa

VYA NYAMUGIGIMA, ibihuhusi n’ibirunga vyama vyateye muri Endoneziya. Igihe ivyago nk’ivyo vyadutse, abasavyi ba Yehova baca bihutira gufasha abo vyashikiye, canecane abo basangiye ukwemera. Nk’akarorero, mu 2005 nyamugigima ikomeye yaratemye iratongora i Gunungsitoli, igisagara kinini kuruta ibindi vyo mw’izinga rya Nias muri Sumatra ya Ruguru. Amashengero yo mw’izinga ribanyi rya Sumatra hamwe n’ibiro vy’ishami vyaciye vyihutira kurungikayo imfashanyo. Umucungezi w’umuzunguruko wo muri ako karere hamwe n’uwaserukiye ibiro vy’ishami baciye baja muri iryo zinga kuremesha abavukanyi no kubahumuriza. Umukurambere w’i Nias yitwa Yuniman Harefa yavuze ati: “Abantu bari batekewe n’ubwoba. Ariko kuba ishirahamwe ry’Imana ryaciye rihaseruka ridatebaganye, vyaradukuye amazinda ko tutari twenyene.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika