ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Kigarama rup. 14-19
  • Niwigane ukwicisha bugufi kwa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane ukwicisha bugufi kwa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA NI IMANA YOROSHE KWITURA
  • YEHOVA NI IMANA ITADADAZA
  • YEHOVA NI IMANA YIHANGANA
  • YEHOVA ARATERA ITEKA ABACIYE BUGUFI
  • Niwige kwiyumvira nka Yehova na Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Gutanga bizotuma ugira umunezero mwinshi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Kigarama rup. 14-19

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 50

URURIRIMBO RWA 48 Tugendane na Yehova buri musi

Niwigane ukwicisha bugufi kwa Yehova

«Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda cane.»—EF. 5:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Muri iki kiganiro, turaza kubona ibintu bine vyodufasha kwigana ukwicisha bugufi kwa Yehova.

1. Kubera iki ukwicisha bugufi kwa Yehova kudasanzwe?

WIHWEJE abategetsi muri iki gihe, woba wovuga ko bafise ukwicisha bugufi? Uwokubesha. Ariko Yehova, naho ari Mushoboravyose, aricisha bugufi. (Zab. 113:​5-8) Ukwicisha bugufi ni kwo kumuranga. Nta kantu na gatoyi k’ubwibone womubonamwo. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ibintu bine biranga Yehova, turabe n’ingene ukwicisha bugufi kwiwe kwigaragaza muri kimwekimwe muri vyo. Turaza no kubona ingene Yezu yiganye ukwicisha bugufi kwa Se. Kwihweza ivyo bintu biraza kudufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova no kurushiriza kwigana ukwicisha bugufi kwiwe.

YEHOVA NI IMANA YOROSHE KWITURA

2. Muri Zaburi 62:8 hatwigisha iki ku vyerekeye Yehova? (Raba n’ifoto .)

2 Abantu b’abanyabwibone akenshi usanga bitoroshe kubitura. Ubwibone bwabo butuma abandi bagonanwa kubitura canke mbere bakabaca kure. Ese ingene batandukanye na Yehova! Kubera ko uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru yicisha bugufi, aradutera akamo ngo tumwiyegereze maze tumubwire ibituremereye ku mutima. (Soma Zaburi 62:8.) Kurya nyene umuvyeyi akunda abana biwe yama yiteguriye kwumviriza ibibaraje ishinga, ni ko na Yehova yama yiteguriye kwumviriza amasengesho y’abasavyi biwe. Wanashima, menshi muri yo yarayandikishije muri Bibiliya. Ivyo birerekana ko Yehova ari Imana yoroshe kwitura. (Yos. 10:​12-14; 1 Sam. 1:​10-18) Twokora iki none nimba bishika tukumva ko tutabereye kwitura Yehova?

Sebibondo ariko arumviriza yitonze agahungu kiwe kariko karamusigurira ingene kagize isanganya kakamena ivaze ry’ishurwe igihe kariko karanyonga indege yako.

Sebibondo umwe arigana Yehova, agaca bugufi maze akumviriza umwana wiwe yamenye akavaze ariko arakina (Raba ingingo ya 2)


3. Wokwemezwa n’iki ko Yehova yipfuza yuko wama umwitura mw’isengesho?

3 Turakwiye kwiyegereza Yehova mw’isengesho, mbere n’igihe twoba twumva ko tutabereye gukundwa na we. Kubera iki? Muri wa mugani w’umwana w’icangazi, Yezu yagereranije Yehova n’umuvyeyi w’impuhwe yari afise umwana yakoze amakosa menshi, ku buryo yiyumvira ko atari akibereye kugaruka mu muryango. None uwo muvyeyi yakoze iki igihe uwo mwana yagaruka muhira? Yezu avuga ko agikubita ijisho umwana wiwe, yaciye «[yi]rukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.» (Luka 15:​17-20) Yehova ameze nk’uwo muvyeyi. Acumva amasengesho y’abantu bavunitse umutima kubera amakosa bakoze canke kubera ukwihebura, ukwicisha bugufi kwiwe guca gutuma abumviriza yitonze. (Int. 3:​19, 20) Yehova abitumwe n’impuhwe, ariruka kubasanganira mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo abahoze yongere abibutse ko abakunda. (Yes. 57:15) None ivyo Yehova abigira gute muri iki gihe? Kenshi abigira biciye ku bakurambere, ku bo mu muryango dusangiye ukwizera, canke ku bandi bavukanyi. (Yak. 5:​14, 15) Ivyo Yehova abigira kubera ko yipfuza ko tumwiyegereza.

4. Yezu yerekanye gute ko ari umuntu yoroshe kwitura?

4 Ingene Yezu yigana Se. Cokimwe na Se wiwe, Yezu na we nyene aricisha bugufi. Ni co gituma igihe yari ng’aha kw’isi abantu batitinya kumwitura. Ntibatinya kumubaza ibibazo. (Mrk. 4:​10, 11) Igihe na ho yaba abasavye gutanga ivyiyumviro ku kibazo kanaka, baca bamubwira uko bavyumva bisanzuye. (Mat. 16:​13-16) Bishitse na ho bagakora amakosa, ntibaca batekerwa n’ubwoba kubera ko bari bazi yuko Yezu ari umunyabuntu, umunyembabazi kandi yihangana. (Mat. 17:​24-27) Kubera ko Yezu yigana neza Se wiwe, vyaratumye abigishwa biwe barushiriza kumenya Yehova. (Yoh. 14:9) Baratahuye ko Yehova yicisha bugufi kandi ko yoroshe kwitura, ko ata ho yari ahuriye n’abakuru b’amadini bo mu gihe cabo. Bobo bari bakaze, bibona, kandi ntibakunda abantu.

5. Ukwicisha bugufi kwodufasha gute kuba abantu boroshe kwitura?

5 Ingene twokwigana Yehova. Nitwicisha bugufi, bizokworoha ko abandi batwitura. Ukwicisha bugufi kuzotuma twirinda inyifato zituma abandi baduhunga, nk’ishari, ubwibone no kutababarira abandi. Ahubwo kuzotuma tugaragaza kamere nziza zituma abandi batwitura, nk’ubuntu, ukwihangana no kubabarira abandi. (Kol. 3:​12-14) Abakurambere canecane barakwiye kuba abantu boroshe kwitura. Ariko ntiwumve, kugira ivyo bishoboke barakwiye kuba abantu baronkeka. Ivyo bisobanura ko bakwiye kwihata bakama bitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami, aho kuyitaba bakoresheje ubuhinga bwa none. Vyongeye, igihe cose bishoboka barakwiye kugerageza gukorana n’abavukanyi na bashiki bacu mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Abavukanyi nibarushiriza kumenya neza abakurambere bizoborohera kubitura.

YEHOVA NI IMANA ITADADAZA

6-7. Tanga uburorero bwerekana ingene Yehova ari Imana itadadaza.

6 Abantu benshi b’abanyabwibone usanga badadaza. Ariko Yehova wewe naho aruta abantu bose, aricisha bugufi, ntadadaza, kandi akora ibitegereka. Raba ingene yafashe Miriyamu mushiki wa Musa. We na Aroni baridodombeye Musa, kandi Musa yari umuvugizi wa Yehova. Ni nk’aho rero Miriyamu yari asuzuguye Yehova. Ivyo vyatumye Yehova amushavurira cane, aca amuteza imibembe. None Yehova yakoze iki igihe Aroni yasaba Musa ngo atakambire Yehova kugira akize Miriyamu? Umuntu w’ubwibone ntiyari gushobora guhindura ingingo yari yafashe, ariko Yehova we si ko yabigize. Kubera ko yicisha bugufi, yaranse kudadaza, arakiza Miriyamu.—Guh. 12:​1-15.

7 Yehova yarerekanye kandi ko yicisha bugufi turavye ukuntu yafashe umwami Hezekiya. Yehova akoresheje umuhanuzi wiwe yaramenyesheje umwami Hezekiya ko yari agiye gupfa. Hezekiya yaciye amutakambira arira cane kugira amukize. Yehova abitumwe n’ikigongwe, yaciye amwongera imyaka 15 yo kubaho. (2 Abm. 20:​1, 5, 6) Emwe, ukwicisha bugufi kwa Yehova kuratuma agaragariza abantu impuhwe kandi agakora ibitegereka.

8. Tanga uburorero bwerekana ko Yezu atadadaza? (Mrk. 3:​1-6)

8 Ingene Yezu yigana Se. Yezu akiri kw’isi, yarakorera iciza abantu igihe cose vyaba bishoboka. Nk’akarorero, yarakijije abantu kw’isabato naho abakuru b’amadini babirwanije kubera ko batagira impuhwe. (Soma Mariko 3:​1-6.) No muri iki gihe, Yezu arerekana ko atadadaza turavye ukuntu ayobora ishengero. Nk’akarorero, igihe mw’ishengero hari uwukoze igicumuro gikomeye, aramwihanganira, akamuronsa akaryo ko kwikosora.—Ivyah. 2:​2-5.

9. Twokwerekana gute ko turi abantu batadadaza? (Raba n’amafoto.)

9 Ingene twokwigana Yehova. Turakwiye kwigana Yehova tukaba abantu batadadaza, haba mu vyo dukora no mu vyo twiyumvira. (Yak. 3:17) Nk’akarorero, abavyeyi batadadaza, naho baguma bumiye ku bigororotse, ntibitega ko abana babo bakora ibirengeye imyaka bafise. Ivyo turabibonera ku karorero ka Yakobo dusanga mw’Itanguriro 33:​12-14. Abavyeyi bicisha bugufi kandi batadadaza, barakwiye kandi kwirinda kuza baragereranya umwana n’uwundi. Abakurambere na bo nyene barakwiye kuba abantu batadadaza. Ivyo nk’akarorero bobigira mu gushigikira ingingo iba yafashwe na benshi mu nama y’abakurambere, nimba idateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova. (1 Tim. 3:​2, 3) Vyongeye, twese turakwiye kugerageza gutahura abandi naho twoba tutabona ibintu kumwe. (Rom. 14:1) Emwe, umwe wese mu bagize ishengero, arakwiye kwihata kugira ‘bose babone ko ari umuntu atadadaza.’—Flp. 4:5.

Amafoto: Sebibondo umwe arahimbawe no kuba ariko aramamaza inzu ku nzu ari kumwe n’abana biwe. 1. Ariko aramwenyura araba agahungu kiwe gahaye umugabo umwe agatabu «Kwiberaho ibihe bidahera.» 2. Mu nyuma, aramwenyura araba agakobwa kiwe gahaye umukenyezi umwe agakarata ka jw.org.

Sebibondo umwe ari kumwe n’abana biwe mu ndimiro. Ariko rero ntabitegako ivyo badashoboye (Raba ingingo ya 9)


YEHOVA NI IMANA YIHANGANA

10. Yehova yerekanye gute ko ari Imana yihangana?

10 Abantu b’abanyabwibone kenshi usanga bibagora kurindira kubera ko batihangana. Ese ingene batandukanye na Yehova, we yihangana kuruta abandi bose! Nk’akarorero, mu gihe ca Nowa, Yehova yavuze ko yorindiriye imyaka 120 imbere y’uko ahonya abanyakibi. (Ita. 6:3) Ivyo vyatumye Nowa arera abana biwe arabakuza, yongera arubaka ubwato abifashijwemwo n’umuryango wiwe. Ikindi gihe, umumarayika yari aserukiye Yehova yarumvirije Aburahamu yitonze igihe yamubaza ibibazo ku bijanye n’isangangurwa rya Sodomu na Gomora. Umuntu w’ubwibone yari gushobora kumubwira ati: «Wibaza rero ko ntazi ivyo ndiko ndakora?» Ariko rero kubera ko uwo mumarayika yigana Yehova, yarihanganiye Aburahamu.—Ita. 18:​20-33.

11. Twisunze 2 Petero 3:​9, kubera iki Yehova agaragaza ukwihangana muri iki gihe?

11 No muri iki gihe cacu Yehova aragaragaza ukwihangana. Ararindiriye yihanganye ko igihe yashinze co gukuraho iyi si mbi kigera. None abitumwa n’iki? Bibiliya ivuga ko «adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.» (Soma 2 Petero 3:9.) None ukwihangana kwa Yehova hoba hari ico kwafashije? Ego cane. Kwatumye abantu amamiliyoni b’umutima nziraburyarya bashobora kumwiyegereza. Turizigiye ko hari n’abandi amamiliyoni bazobigira. Ariko ntiwumve, ukwihangana kwa Yehova kuri n’aho kugarukira. Naho Yehova akunda abantu, ntarenza uruho rw’amazi ku kibi. Ntazoreka ngo ababisha babandanye kubaho ibihe vyose.—Hab. 2:3.

12. Yezu yigana gute ukwihangana kwa Yehova?

12 Ingene Yezu yigana Se. Yezu yaramaze imyaka ibihumbi yigana ukwihangana kwa Yehova. Yariboneye ingene Shetani yambika ibara Yehova be n’abantu b’intahemuka. (Ita. 3:​4, 5; Yobu 1:11; Ivyah. 12:10) Yezu yariboneye n’ukuntu abantu bashikirwa n’imibabaro itagira izina. Iyumvire ingene ategerezwa kuba ashashaye ‘gusambura ibikorwa vya Shetani.’ (1 Yoh. 3:8) Ni igiki none gifasha Yezu kurindira yihanganye ko Yehova amuha uburenganzira bwo gusambura ivyo bikorwa vya Shetani burundu? Kimwe coco ni uko Yezu yicisha bugufi. Arazi ko Yehova ari we afise uburenganzira bwo gushinga igihe bizobera. Ni co gituma yabirekeye mu maboko yiwe.—Ivyak. 1:7.

13. Yezu yihanganiye gute intumwa ziwe, kandi yabitumwe n’iki?

13 N’igihe Yezu yari kw’isi, yarihanganiye intumwa ziwe. Nk’akarorero, igihe baguma baharira ku bijanye n’uwari mukuru muri bo, Yezu ntiyaciye yihebura ngo abone ko ata co bazovamwo. Ahubwo yabandanije kubihanganira. (Luka 9:46; 22:​24-27) Yarizigiye ko bogize ivyo bahinduye. Vyoba nawe birashika ugakora ikosa kanaka incuro zitari nke? Nimba bimaze kugushikira, nta nkeka ko ukenguruka kuba dufise Umwami yicisha bugufi kandi yihangana ukuraho.

14. Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kuba abantu bihangana?

14 Ingene twokwigana Yehova. Iyo tugize «ivyiyumviro vya Kristu», bica bitworohera kwiyumvira nka Yehova no gukora nka we. (1 Kor. 2:16) None ni ibiki vyodufasha kurushiriza gutahura ivyiyumviro vya Kristu? Ikintu nyamukuru cobidufashamwo, ni ugusoma za Njili zine zivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu. Duhejeje kuzisoma, turakwiye guca dufata akanya ko kuzirikana ku kuntu ivyo dusomye bihishura ingene Yezu yabona ibintu. Turakwiye kandi gusaba Yehova ngo adufashe kuba abantu bicisha bugufi kandi bihangana nka Yezu. Nitwarushiriza kwiyumvira nka Kristu, bizotuma turushiriza kwigana Imana kandi tube abantu bihanganira abandi ariko kandi batahura ko kwigana Imana neza bishobora gufata igihe.—Mat. 18:​26-30, 35.

YEHOVA ARATERA ITEKA ABACIYE BUGUFI

15. Tanga uburorero bwerekana ko Yehova ashira mu ngiro ibivugwa muri Zaburi 138:6?

15 Soma Zaburi 138:6. Ese ukuntu ari iteka kubona Segaba w’ibiriho vyose yitaho abantu baciye bugufi! Raba uburorero bumwebumwe bwerekana abantu baciye bugufi Yehova yagiye aratera iteka. Naho bamwe muri bo bashobora kuba batamenyekanye cane, inkuru zabo Yehova yarazandikishije muri Bibiliya. Nk’akarorero, Yehova yarahumekeye Musa kwandika ibijanye n’umurezi yitwa Debora yabayeho mu bihe vya ba sekuruza b’imiryango. Yarakoreye mu rugo rwa Izahaki n’urwa Yakobo adahemuka, mu kiringo c’imyaka irenga nka 125. Naho ata vyinshi tuzi ku bijanye n’uwo mukenyezi w’intahemuka, Yehova yaritwararitse ko ayo makuru yerekana ingene yakundwa cane yandikwa muri Bibiliya. (Ita. 24:59; 35:​8, akajambo k’epfo.) Haciye imyaka amajana, Yehova yaratoye agahungu k’akungere kitwa Dawidi, akagira umwami w’ihanga rya Isirayeli. (2 Sam. 22:​1, 36) Inyuma y’aho Yezu avukiye na ho, Imana yararungitse abamarayika kugira ngo itere iteka abungere baciye bugufi, ryo kuba aba mbere mu kumenya ko uwobaye Mesiya yari yavukiye hafi yabo i Betelehemu. (Luka 2:​8-11) Vyongeye, igihe Yozefu na Mariya batwara Yezu ku rusengero, Yehova yarateye iteka umutama Simeyoni n’umutamakazi Ana, ryo kubona Umwana wiwe Yezu. (Luka 2:​25-30, 36-38) Emwe, «naho Yehova ari hejuru, arabona abicisha bugufi!»

16. Yezu yiganye gute ingene Se wiwe yafata abantu?

16 Ingene Yezu yigana Se. Yezu yariganye Se mu gutera iteka abantu baciye bugufi. Yarigishije ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana «abantu batize kandi basanzwe.» (Ivyak. 4:13; Mat. 11:25) Yaranakijije abarwaye kandi abigira mu buryo butuma bumva ko bakunzwe kandi bubashwe. (Luka 5:13) Mw’ijoro rya buca Yezu yicwa, yarogeje ibirenge intumwa ziwe, ico kikaba cari igikorwa cakorwa n’umusuku. (Yoh. 13:5) Vyongeye, imbere y’uko aduga mw’ijuru yarateye iteka abayoboke biwe bose baciye bugufi, baba ab’ico gihe canke abobayeho mu nyuma, mu kubashinga igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose umuntu yokora, co gufasha abandi kuronka ubuzima budahera.—Mat. 28:​19, 20.

17. Twotera iteka abandi gute? (Raba n’ifoto.)

17 Ingene twokwigana Yehova. Turatera iteka abandi igihe tubabwira inkuru nziza tutaravye igihugu bavamwo, ibara ryabo ry’urukoba, canke amashure bize. Abavukanyi bacu na bo turabatera iteka mu kubona ko baturuta, tutaravye ububangukirwe dufise canke amabanga tujejwe. (Flp. 2:3) Yehova arahimbarwa cane, igihe twicishije bugufi «tukaba aba mbere» mu gutera iteka abandi, haba muri ubwo buryo tuvuze canke mu bundi.—Rom. 12:10; Zef. 3:12.

Bashiki bacu babiri bariko barigisha Bibiliya umugore umwe apfungiwe mw’ibohero.

Turigana ukwicisha bugufi kwa Yehova mu kubwira inkuru nziza abantu bose (Raba ingingo ya 17)a


18. Kubera iki wipfuza kwigana ukwicisha bugufi kwa Yehova?

18 Nitwihatira kwigana ukwicisha bugufi kw’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, tuzorushiriza kuba abantu boroshe kwitura, batadadaza, kandi bihangana. Vyongeye, tuzotera iteka abandi nk’uko Yehova abigira. Urama wibuka ko niwakora uko ushoboye kwose kugira wigane Imana yacu yicisha bugufi, bizotuma urushiriza kuba uw’agaciro mu maso yayo.—Yes. 43:4.

UKWICISHA BUGUFI KWOGUFASHA GUTE KUBA UMUNTU . . .

  • yoroshe kwitura?

  • atadadaza?

  • yihanagna?

URURIRIMBO RWA 159 Nuninahaze Yehova

a INSOBANURO Y’IFOTO: Bashiki bacu bariko barigana Yehova bicishije bugufi, mu kwigisha abanyororo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika