ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ruhuhuma rup. 32
  • Garagaza umutima rugabo igihe uri mu bihe bitoroshe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Garagaza umutima rugabo igihe uri mu bihe bitoroshe
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • Irahemba abayikorera bose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ruhuhuma rup. 32

IVYO WOKWIYIGISHA

Garagaza umutima rugabo igihe uri mu bihe bitoroshe

Soma Yeremiya 38:​1-13 kugira ubone ingene umuhanuzi Yeremiya n’inkone yitwa Ebedi-Meleki bagaragaje umutima rugabo.

Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Kubera iki Yeremiya yari akeneye umutima rugabo kugira ashikirize abantu ubutumwa buvuye kuri Yehova? (Yer. 27:​12-14; 28:​15-17; 37:​6-10) Abo bantu bavyakiriye gute?—Yer. 37:​15, 16.

Rondera kumenya n’ibindi. Ni ibiki vyari bihanze Yeremiya? (jr 26-27 ing. 20-22) Rondera amakuru menshi ashoboka ku bijanye n’amatangi yo mu bihe vya kera. (it-1-F 483-484) Yeremiya ashobora kuba yumvise amerewe gute igihe yari mw’itangi ryarimwo urwondo? Ni ibiki vyari gutuma Ebedi-Meleki atinya kumufasha?—w12 1/5 31 ing. 2-3.

Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti:

  • «Iyi nkuru inyigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova akingira abasavyi biwe b’intahemuka?» (Zab. 97:10; Yer. 39:​15-18)

  • «Ni mu bihe ibihe vyosaba ko ngaragaza umutima rugabo?»

  • «Norushiriza gute kugira umutima rugabo wo gukora ikibereye igihe ndi mu bihe bitoroshe?» (w11 1/3 30)a

a Kugira umenye ivyo wokwiyigisha, raba ikiganiro kivuga ngo «Ingene wokwiyigisha», mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2023.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika