ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ruhuhuma rup. 25-27
  • Niwamirire kure agatima k’ubwikunzi karangwa muri iyi si

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwamirire kure agatima k’ubwikunzi karangwa muri iyi si
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE TWOKWIRINDA AGATIMA K’UBWIKUNZI N’UKWISHIRA IMBERE
  • Ntitwiyumvire ko duhambaye kuruta uko tubwirizwa kwiyumvira
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yehova arahishurira ubuninahazwa bwiwe abicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ruhuhuma rup. 25-27
Umugabo ari mw’ihoteri yashavuye, ariko arashwanira uwakira abantu. Inyuma y’uwo mugabo hari abandi bakiriya.

Niwamirire kure agatima k’ubwikunzi karangwa muri iyi si

MURI iyi si, abantu benshi babona ko bakwiye kuronka uturusho tudasanzwe, kuronka uburenganzira abandi badafise canke gufatwa mu buryo budasanzwe. Abo bantu naho boronka ibingana gute, baguma babona ko bakwiriye n’ibindi. Iyo nyifato ikomoka ku gatima k’ubwikunzi no kudashima biranga imisi ya nyuma.—2 Tim. 3:2.

Ariko ntiwumve, agatima k’ubwikunzi si ak’ubu. Nk’akarorero, Adamu na Eva bafashe ingingo yo kwihitiramwo iciza n’ikibi, bikaba vyarakweze akarambaraye. Inyuma y’imyaka amajana, umwami w’Ubuyuda yitwa Uziya yiyumviriye ko afise uburenganzira bwo gushikana imibavu ku rusengero, ariko yari yihenze rwose. (2 Ngo. 26:​18, 19) Abafarizayo n’Abasadukayo na bo nyene biyumvira ko Imana ikwiye kubafata mu buryo budasanzwe, kubera gusa bakomoka kuri Aburahamu.—Mat. 3:9.

Dukikujwe n’abantu bikunda kandi bishira imbere, ivyo natwe bikaba vyoshobora kutwandukira. (Gal. 5:26) Twoshobora gutangura kwiyumvira ko tubereye uturusho kanaka canke gufatwa mu buryo budasanzwe. None twokwirinda gute ako gatima? Turakeneye kubanza gutahura ukuntu Yehova abibona. Raba ingingo ngenderwako zibiri zo muri Bibiliya zodufasha.

Yehova ni we agena ivyo tubereye kuronka. Raba ubu burorero.

  • Mu muryango, umugabo arakeneye kwumva ko yubashwe n’umugore wiwe, umugore na we arakeneye kwumva ko akunzwe n’umugabo wiwe. (Ef. 5:33) Mu bijanye no kurangura amabanga y’abubatse, umwe wese mu bubakanye arakeneye kwumva ko agaragarijwe urwo rukundo n’uwo bubakanye, ata wundi amubangikanije. (1 Kor. 7:3) Vyongeye, abavyeyi barafise uburenganzira bw’uko abana babo babagamburukira, n’abana barafise uburenganzira bwo gukundwa no gushigikirwa n’abavyeyi babo.—2 Kor. 12:14; Ef. 6:2.

  • Mw’ishengero, abakurambere barabereye icubahiro kubera ko bakora cane. (1 Tes. 5:12) Naho ari ukwo, nta burenganzira bafise bwo kuganza abavukanyi babo.—1 Pet. 5:​2, 3.

  • Imana yarahaye uburenganzira abategetsi bwo gusaba amakori be no kwubahwa n’abo batwara.—Rom. 13:​1, 6, 7.

Yehova abitumwe n’urukundo araduha ibirengeye ivyo tubereye. Kubera ko turi abacumuzi, nta kindi twari tubereye atari urupfu. (Rom. 6:23) Yamara Yehova araduha ivyiza vyinshi kubera ko adukunda. (Zab. 103:​10, 11) Iciza cose yoduha canke iteka iryo ari ryo ryose yodutera, tubikesha ubuntu bwiwe buhebuje.—Rom. 12:​6-8; Ef. 2:8.

INGENE TWOKWIRINDA AGATIMA K’UBWIKUNZI N’UKWISHIRA IMBERE

Uraba maso ku vyiyumviro vy’iyi si. Tutabiciye n’ikanda, twoshobora gutangura kwiyumvira ko tubereye gufatwa mu buryo budasanzwe kuruta abandi. Mu karorero Yezu yatanze k’abakozi bahembwe idenariyo, yarerekanye ingene ivyo vyiyumviro vyoshobora kutwandukira bitagoranye. Bamwe muri bo batanguye akazi mu gitondo ca kare, bakora umusi wose ku ruzuba, abandi na bo bakora isaha imwe gusa. Abakoze umusi wose babona ko babereye guhabwa impembo iruta iy’abandi. (Mat. 20:​1-16) Yezu yatanze ako karorero kugira yigishe abigishwa biwe yuko bakwiriye kubumbwa n’ivyo Imana iba yashimye kubaha.

Bamwe mu bakozi bavugwa mu kigereranyo Yezu yatanze bariko baridogera nyene urugo.

Ba bagabo bakora umusi wose biyumviriye ko bari babereye kuronka impembo iruta iy’abandi

Niwame ushima, aho kwama usaba. (1 Tes. 5:18) Niwigane intumwa Pawulo. Ntiyasavye abavukanyi b’i Korinto kumuronsa ivyomubeshaho, naho yari abifitiye uburenganzira. (1 Kor. 9:​11-14) Turakwiye gukenguruka ivyo turonka vyose, tukirinda agatima ko kwama dusaba.

Intumwa Pawulo be n’abandi bagabo babiri bariko barajisha ihema.

Intumwa Pawulo ntiyasavye ko bamuronsa ibimutunga

Niwicishe bugufi. Igihe umuntu yiyumvira ko ari agahambaye, kenshi aca atangura kubona ko hari ivyo akwiriye kuronka kuruta abandi. Ukwicisha bugufi, ni wo muti w’iyo nyifato iteye akaga.

Amafoto: 1. Umuhanuzi Daniyeli ageze mu zabukuru. 2. Igisagara ca kera ca Babiloni. 3. Daniyeli akiri muto hamwe n’abagenzi biwe batatu b’Abaheburayo.

Kubera ko umuhanuzi Daniyeli yicisha bugufi, vyatumye Yehova amushima cane

Umuhanuzi Daniyeli yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no kwicisha bugufi. Igihe yari i Babiloni bamufata mu buryo budasanzwe, kandi yararonswa uturusho tudasanzwe. Yari gushobora kwiyumvira ko yari abereye kubironka kubera umuryango yavamwo, ukuntu yasa, ubwenge yari afise n’ubuhanga yari afise. (Dan. 1:​3, 4, 19, 20) Ariko Daniyeli yagumye yicisha bugufi kandi ivyo vyatumye Yehova amushima cane.—Dan. 2:30; 10:​11, 12.

Nimuze twamirire kure agatima k’ubwikunzi n’ukwishira imbere kiraye muri iyi si. Nitubandanye nyabuna kunezerererwa ibintu vyose Yehova aduha kubera ubuntu bwiwe buhebuje.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika