Ibimenyeshejwe abasomyi
Musomyi mukundwa
Uyu Munara w’Inderetsi urimwo ibiganiro vy’ukwiga bitanu bica irya n’ino ibi bibazo bifitaniye isano cane:
Ica mbere, ni ibiki Yehova yakoze kugira ngo afashe abantu kurwanya igicumuro?
Ica kabiri, yatwigishije gute ukwigaya nyakuri ico ari co? Kandi yafashije gute abacumuzi kwigaya?
Ica gatatu, ishengero ry’i Korinto ryafashijwe gute gutunganya ikibazo c’umuntu yacumuye nkana kandi ntiyigaye?
Ica kane, muri iki gihe abakurambere bakwiye gutunganya gute ibibazo bijanye n’ibicumuro bikomeye?
Ica gatanu, igihe umucumuzi atigaya akuwe mw’ishengero, twokora iki kugira ngo tugume tumugaragariza urukundo n’imbabazi?