IVYO WOKWIYIGISHA
Kwiyigisha bimwe vyimbitse biratuma uguma uri maso
Soma Daniyeli 9:1-19 kugira ubone igituma bihambaye kwiyigisha mu buryo bwimbitse.
Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Ni ibiki vyari biherutse kuba, kandi vyagize ingaruka izihe kuri Daniyeli? (Dan. 5:29–6:5) Iyo uza kuba uri Daniyeli, wari kuvyakira gute?
Rondera kumenya n’ibindi. «Ibitabu vyeranda» Daniyeli ashobora kuba yarasoma, vyari ibihe? (Dan. 9:2, akajambo k’epfo; w11 1/1 22 ing. 2) Kubera iki Daniyeli yatuye ibicumuro vyiwe be n’ivy’ihanga rya Isirayeli? (Lew. 26:39-42; 1 Abm. 8:46-50; dp-F 182-184) Isengesho Daniyeli yatuye, ryerekana gute ko yiyigisha Ijambo ry’Imana bimwe vyimbitse?—Dan. 9:11-13.
Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti:
‘Nokwirinda gute gusamazwa n’ibiriko biraba mw’isi?’ (Mika 7:7)
‘Kwiga Ijambo ry’Imana bimwe vyimbitse nka Daniyeli, vyongirira akamaro akahe?’ (w04 1/8 12 ing. 17)
‘Ni ibiki nokwiyigisha vyomfasha «kuguma ndi maso»?’ (Mat. 24:42, 44; w12 15/8 5 ing. 7-8)