ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 2 rup. 10-12
  • Ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi nshasha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NURONDERE ‘KUMENYA’ IMANA KUGIRA UZOROKOKE UMUHERO
  • NUSOME IJAMBO RY’IMANA BIBILIYA BURI MUSI
  • NUSENGE IMANA UYISABA NGO IGUFASHE
  • Ni ibiki Imana yakoze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Urupfu rwa Yezu rutumariye iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 2 rup. 10-12

Ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi nshasha

Mu biganiro vy’imbere y’iki, twabonye ko Imana igiye kuzokuraho ababisha n’ingorane zose bateza. Turemera tudakeka ko ivyo bizoshika. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga riti:

“Isi iriko irahita.”​—1 YOHANI 2:17.

Turemera tudakeka ko hariho abazorokoka, kubera ko uwo murongo wo muri Bibiliya uca wongerako uti:

“Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”

Kugira rero tuzorokoke, dutegerezwa gukora ivyo Imana igomba. Kugira dukore ivyo Imana igomba na ho, dutegerezwa kubanza kuyimenya.

NURONDERE ‘KUMENYA’ IMANA KUGIRA UZOROKOKE UMUHERO

Amafoto: 1. Umuforomakazi yicaye hasi, akaba arushe cane kandi arengewe. 2. Igihe ari muri resitora, arabona uwo bakorana ariko arasoma ikinyamakuru aryohewe. 3. Uwo bakorana aramusomera umurongo muri Bibiliya, agaca amuha agakarata ka jw.org.

Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.” (Yohani 17:3) Kugira tuzorokoke umuhero maze tuzobeho ibihe bidahera, turakwiye kurondera ‘kumenya’ Imana. Ivyo ntibisobanura kwemera gusa ko Imana ibaho canke kumenya ibintu kanaka ku biyerekeye. Turakeneye no kuba abagenzi bayo. Kugira ngo ubugenzi dufitaniye n’uwundi muntu bukomere, dutegerezwa kuza turamarana umwanya na we. Ni ko bimeze no ku bugenzi tugiranira n’Imana. Raba ibintu bimwebimwe bihambaye Bibiliya ivuga vyodufasha kugiranira ubugenzi n’Imana no kubukomeza.

Ukuri dusanga muri Bibiliya

Wa muforomakazi ageze i muhira, araja ku rubuga rwa jw.org.

Iratubwira ko Imana yari yashatse ko tuba mw’Iparadizo.

Igihe Imana yarema abantu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, yabashize ahantu heza cane hitwa itongo rya Edeni. Bari batunganye, kandi Imana yari yarabaronkeje ivyo bari bakeneye vyose kugira baryohererwe ubuzima. Bobayeho ibihe bidahera. Iyo baguma ari abagenzi b’Imana, ntibokwigeze bapfa. Ariko bahisemwo kugambarara itegeko ryoroshe Imana yari yabahaye.

Iratubwira igituma dushikirwa n’ingorane.

Igihe wa muntu wa mbere Adamu yagambararira Imana, yaratakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera yongera atuma n’abomukomotseko bagatakaza. Bibiliya ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose.” (Abaroma 5:12) Kurya nyene umuntu ashobora kuvukana indwara akuye ku bavyeyi biwe, ni ko na Adamu yaraze akanenge abana biwe bose. Ivyo bituma dusaza kandi tugapfa.

Iratubwira ivyo Imana imaze kudukorera kugira idufashe.

Bibiliya ivuga iti: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Imana yararungitse Yezu kw’isi kugira adupfire. Ku bijanye n’urwo rukundo, umugabo yitwa Prabhakar w’imyaka 86 wo mu Buhindi avuga ati: “Biranyereka ko Yehovaa ankunda cane. Urwo ankunda rwaratumye nitega kuzobaho ibihe bidahera.”

Iratubwira ingene twoshimira Imana ku vyo yadukoreye.

Bibiliya itubwira ko uburyo bwo gushimira Imana ku vyo yadukoreye ari ‘ukwubahiriza amabwirizwa yayo.’ (1 Yohani 2:3) Yehova Imana abigiranye urukundo, aratwereka ivyo twokora kugira tubeho duhimbawe. (Yesaya 48:17, 18) Ntiyipfuza ko dushikirwa n’imibabaro. Asezerana ko nitwakurikiza amabwirizwa yiwe, tutazohimbarwa gusa muri iki gihe, mugabo kandi ko tuzobaho ibihe bidahera.

NUSOME IJAMBO RY’IMANA BIBILIYA BURI MUSI

Wa muforomakazi ahejeje gusoma Bibiliya mu karuhuko ka sasita, aca arangamiza hejuru.

Gusenga usaba Imana ngo igufashe be no gukora ivyo igomba birashobora kuzotuma urokoka umuhero w’isi

Twama dufungura kugira ngo tubandanye kubaho. Ariko Yezu yavuze ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.”​—Matayo 4:4.

Muri iki gihe, amajambo Yehova yavuze tuyasanga muri Bibiliya. Niwiga ico gitabu ceranda, uzomenya ivyo Imana yakoreye abantu muri kahise, ivyo iriko irabakorera muri iki gihe, n’ivyo izobakorera muri kazoza.

NUSENGE IMANA UYISABA NGO IGUFASHE

Wokora iki hamwe woba wipfuza gukurikiza amabwirizwa y’Imana, mugabo bikakugora guheba ibintu ivuga ko ari bibi? Igihe bimeze gutyo, kurondera kumenya Imana vyogufasha cane.

Zirikana ivyashikiye umugore umwe twise Sakura, yari abayeho akora ubusambanyi. Igihe yatangura kwiga Bibiliya yaramenye itegeko ry’Imana risaba ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:18) Sakura yarasenze Imana ayisaba inkomezi, maze araheba iyo ngeso mbi. Mugabo n’ubu aguma arwana n’inyosha mbi. Avuga ati: “Iyo ivyiyumviro bibi binjemwo, nca nsenga Yehova ndabikuye ku mutima, kuko nzi ko ntashobora kubitsinda n’inkomezi zanje bwite. Ububasha bw’isengesho bwaratumye ndushiriza kwiyegereza Yehova.” Cokimwe na Sakura, abantu amamiliyoni bariko baramenya Imana. Na yo iriko irabaha inkomezi bakeneye kugira bagire ivyo bahinduye mu buzima, maze babeho mu buryo buyishimisha.​—Abafilipi 4:13.

Niwarushiriza kumenya Imana, na yo izorushiriza ‘kukumenya’ nk’umugenzi ikunda cane. (Abagalatiya 4:9; Zaburi 25:14) Ivyo bizotuma ushobora kurokoka, maze wibere mw’isi nshasha y’Imana. None iyo si nshasha izoba imeze gute? Ikiganiro gikurikira kirabidusigurira.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika