ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Rusama rup. 3
  • Niwibone nk’uko Yehova akubona

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwibone nk’uko Yehova akubona
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Nuhere amazinda ko Yehova agukunda
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Rusama rup. 3

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwibone nk’uko Yehova akubona

“Yehova [arahimbarwa] n’abantu biwe.” (Zb 149:4) Naho tudatunganye, arabona kamere nziza dufise be n’ico tuzovamwo. Ariko rero, rimwe na rimwe vyoshobora kutugora kubona ibitwerekeye mu buryo buri ku burimbane. Twoshobora kwumva umenga ntaco tumaze bivuye ku kuntu abandi badufata. Canke na ho, hamwe twokwibanda ku makosa twakoze kera twoshobora gukekeranya nimba Yehova adukunda vy’ukuri. None ni igiki codufasha igihe tumerewe gutyo?

Niwibuke ko Yehova abona ibirengeye ivyo abantu bashoboye kubona. (1Sm 16:7) Ivyo bisobanura ko atubonamwo mbere ibirengeye ivyo twibonamwo. Igishimishije, Bibiliya iradufasha gutahura ukuntu Yehova atubona. Ivyo turashobora kubitahura mu kurimbura imirongo be n’inkuru zo muri Bibiliya bihishura urugero Yehova agezako mu gukunda abamusenga.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUJIJURE UMUTIMA WAWE IMBERE YA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ikigereranyo c’umwirutsi na se wiwe kitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova atubona?

  • Iyo umuntu akoze igicumuro gikomeye ateye intambwe zikenewe kugira asubire kugiranira ubucuti na Yehova, yojijura gute umutima wiwe imbere ya Yehova?​—1Yh 3:19, 20

  • Urya muvukanyi yungukiye gute ku gusoma no kuzirikana inkuru ya Dawidi n’iya Yehoshafati?

Inkuru zo muri Bibiliya zitujijura yuko . . .

Yehova adukunda naho abandi boba batubona gute

  • Enoki (It 5:24; Heb 11:5; Yud 14, 15)

  • Hana (1Sm 1:1–2:11, 18-21, 26)

Yehova ababarira vy’ukuri abacumuzi bigaya

  • Manase (2Ng 33:1-7, 12, 13)

  • Paulo (1Tm 1:12-16)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika