15-21 Munyonyo
YOSUWA 23-24
Ururirimbo rwa 50 n’isengesho
Intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Impanuro za nyuma Yosuwa yahaye Abisirayeli”: (Imin. 10)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Yos 24:2—Se wa Aburahamu ari we Tera, yoba yasenga ibigirwamana? (w04 1/12 12 ing. 1)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4) Yos 24:19-33 (th icigwa ca 11)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 3) Hera ku gace kajanye na mugihura. Niwishure ku majambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho iwanyu. (th icigwa ca 2)
Usubiyeyo: (Imin. 4) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo. Nuce umuha agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. (th icigwa ca 20)
Inyigisho: (Imin. 5) lffi icigwa ca 01: Incamake, Wize iki? na Umugambi wokwishingira (th icigwa ca 3)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwirinde abagenzi babi ku kazi: (Imin. 7) Guhana ijambo. Nimurabe ividewo ivuga ngo Niwirinde ibintu vyotuma uhemuka: Abagenzi babi. Nuce ubaza uti: Ni akosho kabi akahe abagenzi babi bagize kuri uwo mushiki wacu ku kazi? Ni ibiki yahinduye, kandi ivyo vyamufashije gute? Ni ivyigwa ibihe dukura muri iyo videwo ku bijanye no kwirinda abagenzi babi?
Urashobora kuronka abagenzi aho utari witeze: (Imin. 8) Guhana ijambo. Nimurabe iyo videwo. Nuce ubaza uti: Ni ibiki vyatumye Akil yifatanya n’abagenzi babi kw’ishure? Yaronse gute abagenzi beza mw’ishengero? Ni ivyigwa ibihe dukura muri iyo videwo ku bijanye no kuronka abagenzi beza?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) lvs ikig. 16 ing. 1-9; soma akajambo ko ku mpera ka 31
Amajambo yo gusozera (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 39 n’isengesho