ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Kigarama rup. 7
  • Woba wipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Gusaba kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Abamisiyonari barashika “mu karere ka kure rwose k’isi”
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Ishure risohora abantu bagirira akamaro abari hirya no hino kw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Kigarama rup. 7
Abanyeshure batandukanye bari mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba wipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?

Woba ufise imyaka iri hagati ya 23 na 65 kandi ukaba uri mu murimo w’igihe cose? Woba ufise amagara meza, ukaba ushoboye gukorera ahantu hose hari inkenero kuruta? Nimba wishuye ngo ‘ego’ kuri ivyo bibazo, woba umaze kwiyumvira ivyo kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Kuva ritanguye, abubakanye, abavukanyi be na bashiki bacu b’abirebange ibihumbi baramaze kuryitaba. Naho ari ukwo, turakeneye abavukanyi b’abirebange biyongereye boryitaba. Nusabe Yehova akomeze icipfuzo ufise co kumuhimbara no kwigana Umwana wiwe. (Zb 40:8; Mt 20:28; Heb 10:7) Nuce rero uraba ingene wogabanya ivyo witwararika mu vy’umubiri kugira ukwize ibisabwa.

Ni mu mice iyihe y’umurimo abasohotse iryo shure bafashamwo? Bamwe muri bo bararungikwa gukorera mu turere tuvugwamwo izindi ndimi canke bagafasha mu kwamamaza ku mugaragaro mu buryo budasanzwe mu bisagara bininibinini. Abandi mu nyuma baraba abacungezi b’imizunguruko b’abasubirizi, abacungezi b’imizunguruko canke abamisiyonari bakorera mu ndimiro. Uko wiyumvira ivyo wokora mu murimo wa Yehova, ese wogaragaza agatima nk’ak’umuhanuzi Yesaya, uwavuze ati: “Ndi hano! Ntuma.”​—Yes 6:8.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAMISIYONARI BAKORERA MU NDIMIRO NI ABAKOZI MW’IYIMBURA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Abamisiyonari bakorera mu ndimiro ni abakozi mw’iyimbura.’ Abubakanye b’abamisiyonari bariko baratambuka mw’ibabara bari mu ndimiro.

    Abamisiyonari bakorera mu ndimiro bacagurwa gute?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Abamisiyonari bakorera mu ndimiro ni abakozi mw’iyimbura.’ Umumisiyonari n’uwundi mushiki wacu bariko barigisha Bibiliya umugore umwe.

    Ni igikorwa ciza ikihe abamisiyonari bakorera mu ndimiro barangura?

  •  Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Abamisiyonari bakorera mu ndimiro ni abakozi mw’iyimbura.’ Umumisiyonari akorera mu cibare c’ururimi rw’ibimenyetso ariko ayaga n’uwundi muvukanyi ku bijanye n’urupapuro rw’ugusaba kuja mu murimo udasanzwe.

    Imwimwe mu mihezagiro abamisiyonari bironkera ni iyihe?

Woba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Nuje kuri jw.org mu vyasohowe, mu gice kivuga ngo “Amavidewo,” uce uraba ahavuga ngo IBIKORWA VYACU > AMASHURE Y’IVYA BIBILIYA. Raba amavidewo avuga ngo Amashure y’ivya Bibiliya muri Kongo, Barungukiye ku nyigisho Yehova atanga be n’iyivuga ngo Aba mbere basohotse Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika