ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/11 rup. 10-13
  • Ishure risohora abantu bagirira akamaro abari hirya no hino kw’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishure risohora abantu bagirira akamaro abari hirya no hino kw’isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Baratunganya ibintu kugira baryitabe
  • ‘Bigishwa na Yehova’
  • Abamamaji, abungere n’abigisha
  • Akarusho mu vyo gucungera ishengero
  • Gukorera mu turere turi kure na kure
  • Abakiri bato barahungukira
  • Gusukurira mu mashengero akoresha ururimi runyamahanga
  • Barakora bicishije bugufi no mu yindi mice
  • Ishure rimenyereza abasuku ni urugi runini ruja mu bikorwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Abakozi b’ishengero barakora igikorwa c’agaciro
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ivyabona vya Yehova bamenyerezwa gute kugira bakore igikorwa cabo co kwamamaza?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/11 rup. 10-13

Ishure risohora abantu bagirira akamaro abari hirya no hino kw’isi

MU MASHENGERO arenga 98.000 y’Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu birenga 200, abantu bo mu mice yose y’ubuzima bariko barigishwa n’Imana. Igitabu nyamukuru bakoresha ni Bibiliya, kandi intumbero y’iyo nyigisho ni ugufasha abantu gutera imbere mu vy’impwemu biciye ku kwiga ivyo Imana igomba be n’ukuntu umuntu yobaho ahuza na vyo. Abemera iyo nyigisho barahungukira cane. Ivyo biga, baranabibwira abandi, mu buryo buhuye n’ibwirizwa rya Yezu Kirisitu ryo guhindura abantu abigishwa.​—Matayo 28:19, 20.

Uretse inyigisho Ivyabona vya Yehova bama baronkera mu mashengero barimwo, baranashinze amashure atari make agenewe kugira abo amenyereza mu mice kanaka. Rimwe muri ayo ni Ishure rimenyereza abasuku. Iryo shure ryatanguye muri Gitugutu 1987 i Pittsburgh, muri Pennsylvania, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Isomero rya mbere ryari rigizwe n’abanyeshure 24 bavuga icongereza. Uhereye ico gihe, ivyo vyigwa biragirwa mu ndimi 21 mu bihugu 43. Gushika ubu, abakurambere n’abakozi b’ishengero batubatse bo mu bihugu birenga 90 baramaze kurijamwo. Abaryitaba bahejeje ivyigwa bimara amayinga umunani, baca barungikwa gukorera ahari inkenero, haba ari mu gihugu cabo canke mu bindi bihugu. Amaja mu mpera y’umwaka wa 2005, abasuku bakirisu barenga 22.000 bararangije ivyo vyigwa. Utwigoro turanga ukwicisha bugufi bagira kugira bateze imbere ivy’Ubwami no kugira abandi bavyungukireko, twaravuyemwo ivyiza vyinshi.​—Imigani 10:22; 1 Petero 5:5.

Baratunganya ibintu kugira baryitabe

Abanyeshure benshi, kugira bitabe iryo Shure rimenyereza abasuku babwirizwa kubanza gusaba ikonji aho bakora. Ivyo kenshi birakunda gutera ingorane. Muri Hawayi, hari abagabo babiri b’abakirisu bari batumiwe kuja muri iryo shure bategerezwa kubanza gusaba ikonji ku kazi bakora k’ubwigisha. Babigiranye ukwizera, barasavye iyo konji, barasigura igituma bipfuza kuja muri iryo shure be n’ukuntu bari kuryungukirako. Bompi bararonse uruhusha.

Akatari gake, Ivyabona baba basavye ikonje yo kuja kuri iryo shure, babwiwe ko baramutse bagiye bazoba basezeye akazi. Bahisemwo kuja kumenyerezwa n’ishirahamwe rya Yehova, naho nyene ivyo vyatuma baca bakurwa mu kazi. Bamwe muri abo bantu mu nyuma barongeye guhamagarwa n’abakoresha babo ngo basubire ku kazi bamaze kurangiza iryo shure. Umwiyemezo bene uyo wo kuja kuri iryo shure, muri make umuntu yowuvuga uku: Saba ikonji, usabe Yehova agufashe, maze umureke akore ibisigaye.​—Zaburi 37:5.

‘Bigishwa na Yehova’

Ivyigwa bimara amayinga umunani vyo muri iryo shure vyibanda ku nyigisho yimbitse ya Bibiliya. Abanyeshure bariga ukuntu abasavyi ba Yehova bagize ishirahamwe kugira bakore ivyo Imana igomba bakiga n’ukuntu bo ubwabo bokoresha Bibiliya mu buryo burushirije kuba bwiza mu busuku bwabo bwo mu ndimiro, ku makoraniro y’ishengero hamwe no ku materaniro.

Umwe mu basohotse iryo shure akenguruka yandikiye umunyeshure atari bwaryitabe ati: “Ndakubwije ukuri, ugiye kuronka inyigisho nziza cane utari bwigere uronka. Ugiye kwibonera ko icanditswe kivuga ivyo ‘kwigishwa na Yehova’ gifise iyindi nsobanuro yiyongereye. Inyigisho yose ihatangirwa irabumbabumba, igasena ikongera igatyorora umutima na kamere, kugira ngo umuntu arushirize kumera nk’uko Kirisitu Yezu yari ameze. Niwaryitaba, uzohamenyera ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwawe”.​—Yesaya 54:13, NW.

Abamamaji, abungere n’abigisha

Abasohotse iryo Shure rimenyereza abasuku ubu bakorera mu bihugu 117. Muri ivyo harimwo uturere two mu mazinga ya Atalantike, aya Karayibe n’aya Pasifike be n’ibihugu bitari bike birimwo amashami y’Ivyabona vya Yehova. Amashami avuga yuko ukumenyerezwa kwiza abanyeshure baronse kubonekera mu gikorwa cabo co kwamamaza, co kuba abungere n’ico kwigisha. Ukumenyerezwa baronka kurabaha ibikwiye bituma bakoresha neza Bibiliya mu busuku bwo mu ndimiro (2 Timoteyo 2:15). Igihe bishura ibibazo vy’abo basanze ku mihana, na ho nyene barakunda kwisunga ca gitabu Comment raisonner à partir des Écrituresa bakongera bakamenyereza abandi bamamaji kubigenza gutyo. Umwete w’abasohotse iryo shure urandukira, kandi ibikorwa vyabo birakomeza ishengero.

Abakurambere b’ishengero barafise agateka ko ‘kuragira ubusho’, bagafasha mu kwitwararika abandi mu vyo bakeneye mu buryo bw’impwemu (1 Petero 5:2, 3). Umukurambere umwe yavuze ku biraba iyo ntunganyo ati: “Turakenguruka kubona ibiro vy’ishami birungika abavukanyi bamenyerejwe neza bakaza kudufasha kwikorera umutwaro wo kuragira ubusho bw’Imana”. Ishami rimwe ryo muri Aziya yo mu Buseruko na ryo nyene ryavuze riti: “Abasohotse iryo shure usanga bari n’impuhwe nyinshi. Barakora bagatama kandi barubahwa mw’ishengero. Abantu barabona neza ukwicisha bugufi kwabo, igishika cabo be n’umwete wabo kandi barabiha agaciro cane. Babikunze kandi babigiranye umunezero, baremera kwimukira mu mashengero akeneye abungere” (Ab’i Filipi 2:4). Bene abo bagabo barakomeza abo basangiye ukwizera kandi barakwiye gukezwa.​—1 Ab’i Korinto 16:18.

N’ikindi kandi, abigisha bo mw’Ishure rimenyereza abasuku barafasha abanyeshure kuryohora ubuhanga bwabo bwo gushikiriza insiguro z’icese. Igihe abariciyemwo bashize mu ngiro inama n’impanuro bahawe, benshi muri bo barashobora bidatevye guca babikorako ku maporogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko be n’ay’ihwaniro ry’intara. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yasanze abasohotse iryo shure bashikiriza “insiguro zimeze neza cane kandi bakerekana ingene amayagwa yokurikizwa bakoresheje uburyo bwiza bwo kuzirikana”.​—1 Timoteyo 4:13.

Ubuhanga bwo kwigisha mu makoraniro y’ishengero bwararyohowe cane mu gihugu kimwe co muri Afirika inyuma y’aho habereye Ishure rimenyereza abasuku maze abarisohotse bakarungikwa mu karere. Abakurambere basohoka iryo shure barungikwa mu mashengero, barafasha mu kwamamaza, mu kuragira no mu kwigisha, gutyo bakaba bariko barubaka ayo mashengero mu buryo bw’impwemu.​—Abanyefeso 4:8, 11, 12.

Akarusho mu vyo gucungera ishengero

Mu mihingo itari mike, usanga hakenewe abakurambere n’abakozi b’ishengero biyongereye. Hari amashengero ataba agifise umukurambere n’umwe iyo atarungikirwa uwasohotse rya Shure rimenyereza abasuku. Benshi mu basohotse baca rero barungikwa gukorera aho usanga hari bene izo nkenero.

Amashami atari make avuga yuko abo bagabo “bazi neza intunganyo z’ishirahamwe”, “bafatana uburemere amabanga yabo”, “bafasha abandi gutahura no kwubaha ishirahamwe rya Yehova”, be n’uko “batuma amashengero barimwo agira igishika kandi agakomera mu vy’impwemu”. Ivyo ni kubera ko abasohotse iryo shure bakurikiza ivyanditswe mw’Ijambo ry’Imana maze ntibibande ku kuntu ubwabo babitahura canke ngo bibone ko ari abanyabwenge (Imigani 3:5-7). Abagabo bene abo ni ingabirano zo mu buryo bw’impwemu ku mashengero barungikwamwo.

Gukorera mu turere turi kure na kure

Abasohotse iryo shure bagenwa kuba abatsimvyi badasanzwe, barafasha imigwi iri kure na kure gucika amashengero. Hari umukurambere wo mu karere kari kure y’utundi muri Gwatemala yaseruye ukuntu akenguruka imfashanyo yabo mu kuvuga ati: “Nari maze imyaka 20 mpagaritswe umutima n’ukuntu aka karere kanini amahero kokwitwararitswe. Narasenze akatari gake ku bw’ico kintu. Abavukanyi bavuye muri rya Shure rimenyereza abasuku baramenyerejwe neza mu bijanye no kuvuga be no gutunganya ibintu, kandi ndakenguruka kubona ubu ako karere kariko karitwararikwa mu buryo buranga urukundo”.

Abasohotse iryo shure barize kuba kirumara mu vyibare aho usanga bategerezwa kugenda ingendo ndende baduga imisozi kugira bashikire utugwati dutoduto usanga dukwiragiye hirya no hino. Iyo bahashitse baca bihutira gushinga no kwungunganya imigwi iri kure na kure, naho usanga abandi vyari vyarabananiye. Nk’akarorero, hari umukurambere wo muri Niger yasavye ko bomurungikira abaciye muri iryo shure kubera ko yumva ko boshobora gukora igikorwa ciza cane mu karere yabamwo. Canecane mu turere turi kure na kure, vyoshobora kworohera cane abagabo batubatse gukorerayo ari abatsimvyi badasanzwe canke ari abacungezi b’imizunguruko. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, bategerezwa kwihanganira ‘irinde ry’inzuzi, irinde ry’abambuzi, irinde ryo mu bugaragwa’, bakongera bakihanganira ukuza barumva batamerewe neza, tudasize inyuma umwitwarariko w’amashengero bakoreramwo.​—2 Ab’i Korinto 11:26-28.

Abakiri bato barahungukira

Ivyanditswe bihimiriza abakiri bato kwibuka Umuremyi wabo (Umusiguzi 12:1). Abo banyamwete basohotse rya Shure rimenyereza abasuku, barabera akarorero keza abakirisu bakiri bato. Aho babiri mu basohotse iryo shure bamariye gushika mw’ishengero rimwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umwanya abavukanyi bamara mu ndimiro wariyongereye incuro zibiri. Vyongeye, igitigiri c’abatsimvyi basanzwe, ni ukuvuga abamamaji bw’Ubwami b’igihe cose, caraduze kiva kuri 2 gishika kuri 11. Ako ni kamwe gusa mu burorero bw’ivyabaye mu mashengero menshi.

Abasohotse iryo Shure rimenyereza abasuku baranaremesha kandi abakiri bato kwiyumvira ivyo kuryitaba. Ivyo vyaravyuriye abataraba abakozi b’ishengero umutima wo kurondera gushikira ako gateka. Ishami ryo mu Buholande ryita abaciye mw’Ishure rimenyereza abasuku “uburorero ku misore yipfuza kumenya ukuntu yokoresha ubuzima bwayo”.

Gusukurira mu mashengero akoresha ururimi runyamahanga

Mu bihugu vyinshi, utwigoro tugirwa two kubwira inkuru nziza abantu mu rurimi rwabo kavukire turiko turatuma haba iterambere ridasanzwe. Abasohotse rya Shure rimenyereza abasuku kenshi barakunda kwiga izindi ndimi maze bagasukurira mu vyibare usanga vyiharijwe n’abantu baje bava mu mahanga. Nk’akarorero, mu Bubiligi harakenewe abamamaji b’Ubwami benshi bo kwamamaza ku bantu bavuga ikinyalubaniya, igiperesi be n’ikirusiya.

Amashengero be n’imigwi bikoresha ururimi runyamahanga vyo mu Budagi, mu Butaliyano, mu Bwongereza, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Megizike no mu bindi bihugu, aramaze gutangura kwungukira ku bacungezi b’ingenzi, ku bakurambere no ku bakozi b’ishengero basohotse rya Shure rimenyereza abasuku. Ishami ryo muri Koreya rivuga yuko “abasohotse iryo shure barenga 200 bariko bararangura uruhara ruhambaye mu gufasha amashengero n’imigwi bikoresha ururimi runyamahanga”.

Barakora bicishije bugufi no mu yindi mice

Uretse gusukurira mu migwi be n’amashengero bikoresha ururimi runyamahanga, abasohotse rya Shure rimenyereza abasuku barasukura ari abakurambere, abakozi b’ishengero hamwe n’abacungezi b’ingenzi. Hari abemera kurungikwa gukorera mu bindi bihugu, kumbure kubera ko Urwego rujejwe umurimo kw’ishami ruba rufise inkenero yihuta. Abasanzwe bafise ubuhanga mu vy’ubwubatsi, barashobora kuja muri ya porogarama y’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami.

Igitigiri c’amashengero n’imizunguruko gitera congerekana hirya no hino kw’isi cerekana ko haguma hakenewe abacungezi b’ingenzi biyongereye. Kugira ngo ico kintu gikenewe gitorerwe umuti, hari abasohotse rya Shure rimenyereza abasuku batowe baramenyerezwa amayinga cumi mu gikorwa co kugendera amashengero maze baca baragenwa kuba abacungezi b’imizunguruko canke abacungezi b’imizunguruko basubirizi. Ubu abasohotse iryo shure bashika nko 1.300 ni abacungezi b’ingenzi bakorera mu bihugu 97. Mu gihugu kimwe co muri Afirika, ibice 55 kw’ijana vy’abacungezi b’ingenzi, baraciye muri rya Shure rimenyereza abasuku. Mu kindi gihugu co muri Afirika, igitigiri cabo kirashika ku bice 70 kw’ijana.

Muri Aziya yo mu Buseruko, mu Buraya, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, no muri Ositaraliya, abaciye muri iryo shure bagera ku majana bararungitswe gufasha ibindi bihugu mu nkenero zidasanzwe vyari bifise. Muri ubwo buryo, ivyiza bakuye muri rya shure vyarashitse ku bari hirya no hino kw’isi.

Yehova, abicishije ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu, yarahagurukije abamamaji, abungere, abigisha n’abandi bateza imbere ivy’Ubwami muri iyi misi y’iherezo. Hoba hari ibimenyamenya vy’uko abasavyi b’Imana bazobandanya bongerekana? Emwe birahari! Uca wumva rero ko abagabo biyeguye barondera gushikira amabanga ahambaye kuruta baguma barushiriza gukenerwa (Yesaya 60:22; 1 Timoteyo 3:1, 13). Rya Shure rimenyereza abasuku riraha abakurambere n’abakozi b’ishengero akaryo ko gukwiza ibisabwa kugira bagure ubusuku bwabo, maze ivyo bikabagirira akamaro bo ubwabo bikakagirira n’abandi hirya no hino kw’isi.

[Utujambo tw’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 10]

Rya Shure rimenyereza abasuku ririko rirateza imbere ivyungura Ubwami hirya no hino kw’isi

[Ifoto ku rup. 13]

Woba wizigiye ko uzoja muri rya Shure rimenyereza abasuku maze ukagirira akamaro abandi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika