ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Kigarama rup. 8
  • Nubandanye gukoresha ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubandanye gukoresha ibinyamakuru
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Nushikirize ibinyamakuru mu busuku bwawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Nutegekanye Umwanya wo Gutanga Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Mbega iki kiganiro kizoshimisha nde?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Kigarama rup. 8
Mushiki wacu ariko abwira umugore umwe iciyumviro co muri ‘Be maso!’

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nubandanye gukoresha ibinyamakuru

Kuva mu 2018, buri nomero y’ibinyamakuru vyacu bigenewe abantu bose iba ifise iciyumviro nyamukuru kimwe gusa ivuga. Ivyo binyamakuru vyose ni bimwe mu bikoresho bidufasha kwigisha. Turashobora rero kubikoresha mu busuku. Twoshobora no kwitwaza bikeyi ku rugendo canke tugiye gusuma. Naho ivyo binyamakuru tutabikoresha mu kwigisha abantu Bibiliya, birashobora gutuma barushiriza gukunda ijambo ry’Imana.

Umaze gutanguza ikiyago, nusomere nya muntu icanditswe uce uvuga ikiganiro gishobora kumushimisha kiri mu kinyamakuru kanaka. Nk’akarorero, nimba atunze umuryango canke ahanganye n’intuntu yo kubura canke afise umwitwarariko, wovuga uti: “Mperuka gusoma ikiganiro ciza gihuye n’ico ciyumviro, woshima ko ndakikwereka?” Ubonye ko ashimishwa, woshobora kumuha ikinyamakuru co mu mpapuro canke co mu buhinga bwa none, n’igihe nyene mwoba muhuye ari bwo bwa mbere. Naho intumbero yacu nyamukuru atari iyo gutanga ibitabu, birashobora kudufasha kuronka abipfuza kubaho bahuza n’ivyo biga.​—Ivk 13:48.

2018

Udufoto: Imitwe y’ibinyamakuru ‘Umunara w’inderetsi’ na ‘Be maso’ vyo mu 2018. 1. ‘Bibiliya yoba igihuje n’igihe tugezemwo?’ 2. ‘Kazoza katubikiye iki?’ 3. ‘Imana yoba ikwitwararika?’ 4. ‘Ivyotuma Uhimbarwa.’ 5. ‘Ibintu 12 vyofasha ingo kurama.’ 6. ‘Ivyofasha abatuntuye.’

2019

 Udufoto: Imitwe y’ibinyamakuru ‘Umunara w’inderetsi’ na ‘Be maso’ vyo mu 2019. 1. ‘Woba uzi Imana?’ 2. ‘Kubaho bimaze iki?’ 3. ‘Ubuzima buzokwama gutya?’ 4. ‘Isi yoba izokwigera itekana?’ 5. ‘Ivyigwa Bitandatu Abana Bakwiye Kwiga.’ 6. ‘Bibiliya yoba yogufasha kubaho neza?’

2020

Udufoto: Imitwe y’ibinyamakuru ‘Umunara w’inderetsi’ na ‘Be maso’ vyo mu 2020. 1. ‘Nurondere kumenya ukuri.’ 2. ‘Ubwami Bw’imana Ni Iki?’ 3. ‘Imihezagiro yamaho Imana izoturonsa.’ 4. ‘Ingene wogabanya umwitwarariko.’ 5. ‘Inyishu z’ibibazo 5 vyerekeye imibabaro.’ 6. ‘Hoba hari umuti w’ukwinubana?’

Ni ivyiyumviro ibihe bishimisha abantu bo mu cibare canyu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika