UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene umwe wese yofasha mu kwitwararika ibibanza dusengeramwo
Ingoro zacu z’Ubwami si inyubakwa zisanzwe. Ni ibibanza dusengeramwo vyeguriwe Yehova. None umwe wese muri twebwe yofasha gute mu kwitwararika Ingoro y’Ubwami?
NIMURABE IVIDEWO TWITWARARIKE IBIBANZA DUSENGERAMWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ibibanza dusengeramwo bifise intumbero iyihe?
Kubera iki Ingoro y’Ubwami ikwiye kuguma isukuye kandi imeze neza?
Kugira uruhara muri programa yo kubungabunga Ingoro vyagufashije gute?
Kubera iki bihambaye kwirinda amasanganya? Ni uburorero ubuhe wabonye muri iyo videwo bujanye no kwirinda amasanganya?
Intererano dutanga zitera iteka Yehova gute?
NTEGEKANYA KUZOFASHA MU BURYO UBUHE?