28 Nzero–3 Ruhuhuma
IVYAKOZWE 27-28
Ururirimbo rwa 129 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Paulo afata ubwato buja i Roma”: (Imin. 10)
Ivk 27:23, 24—Umumarayika yabwiye Paulo ko abobaye bari kumwe na we mu bwato borokotse bose (bt 208 ing. 15)
Ivk 28:1, 2—Ubwato barimwo bwasabiye i Malita (bt 209 ing. 18; 210 ing. 21)
Ivk 28:16, 17—Paulo yashitse i Roma impundu amarembe (bt 213 ing. 10)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Ivk 27:9—“Ukwisonzesha kw’umusi w’impongano” kwari nyabaki? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Ivk 28:11—Kuba iyi nkuru ivuga ivyerekeye igishusho cari ku mpanza y’ubwato vyerekana iki? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ivk 27:1-12 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Akavidewo ka usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. (th icigwa ca 2)
Inyigisho: (Imin. 5 canke idashika) lvs 165-166 ing. 16-17 (th icigwa ca 3)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Paulo yarakengurukiye Imana yongera agira umutima rugabo”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Nimurabe agace k’ividewo ivuga ngo “Icuma gikarishwa n’icuma.” Remesha abumviriza kuzoraba iyo videwo yose.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 52
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 93 n’isengesho