UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Igikorwa cacu cemerwa n’amategeko muri Québec
Igihe Paulo yarengutswa, yarungururije kwa Sezari. Ukuntu yakoresheje uburenganzira umunyagihugu w’Umuroma yari afise, biratubera akarorero twokwigana. Nimurabe ividewo ivuga ngo Igikorwa cacu cemerwa n’amategeko muri Québec, mwibonere ingene abavukanyi bacu bakoresheje uburenganzira bahabwa n’amategeko mu kuburanira inkuru nziza. Nimuce mwishura ibi bibazo:
Abavukanyi bacu bahuye n’ingorane izihe muri Quebéc?
Ni agapapuro k’inkuru nziza akahe kadasanzwe batanze, kandi vyavuyemwo iki?
Ni ibiki vyashikiye umuvukanyi Aimé Boucher?
Sentare nkuru ya Kanada yafashe ingingo iyihe ku bijanye n’urubanza rw’uwo muvukanyi?
Ni intunganyo iyihe ijanye n’amategeko idakunze gukoreshwa abavukanyi bisunze, kandi vyavuyemwo iki?
Ni ibiki vyabaye inyuma y’aho abapolisi bahagarikiye ikoraniro bivuye ku kosho k’abapatiri?