15-21 Gitugutu
YOHANI 13-14
Ururirimbo rwa 100 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ndabahaye icitegererezo”: (Imin. 10)
Yoh 13:5—Yezu yarogeje ibirenge vy’abigishwa biwe (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Yoh 13:12-14—Abo bigishwa na bo nyene bategerezwa “kwozanya ibirenge” (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Yoh 13:15—Abigishwa ba Yezu bose babwirizwa kwigana icitegererezo yasize co kwicisha bugufi (w99 1/3 31 ing. 1)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yoh 14:6—Ni mu buryo ki Yezu ari “inzira n’ukuri n’ubuzima”? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Yoh 14:12—Ni mu buryo ki abizera Yezu bokoze “ibikorwa biruta” ivyo yakoze? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yoh 13:1-17
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago igihe wamamaza akaryo kizanye.
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago.
Akavidewo ka usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana agace k’ividewo ivuga ngo ‘Nimugiriranire urukundo hagati yanyu’: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu. Umwanya ubakundiye, nimuganire ku ruzitiro ruvuga ngo “Akarorero ko kuzirikanako.”
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 39
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 120 n’isengesho