ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Myandagaro rup. 8
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro: Gukoresha JW.ORG

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro: Gukoresha JW.ORG
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Nurabe kuri JW.ORG ubukerebutsi bwogufasha mu buzima bwa misi yose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
    Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
  • Ingene Wokwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Woba umaze kwibaza ibi bibazo?
    Be maso!—2019
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Myandagaro rup. 8
Umuvukanyi ariko yereka umuntu urubuga rwacu akoresheje agakarata ka jw.org

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha JW.ORG

IGITUMA BIHAMBAYE: Ibikoresho nyamukuru vyose bidufasha kwigisha Bibiliya vyerekeza abantu kuri jw.org. Nkako, intumbero nyamukuru y’agakarata ka JW.ORG be na ka gapapuro Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? ni iyo kwerekeza abantu ku rubuga rwacu. Urashobora guha umuntu kimwe muri ivyo bikoresho nyamukuru ukoresheje jw.org, mu kukimurungikira ku buhinga bwa none canke ukamurungikira inzira yocako (lien). Ivyo birafasha canecane igihe ubwira inkuru nziza uwuvuga urundi rurimi. Vyongeye, abantu barashobora kubaza ibibazo vyishurwa mu bitabu bitari muri ivyo bikoresho nyamukuru. Igihe tuzi gukoresha neza urubuga rwacu, turaba kirumara mu ndimiro.

UKO TWOBIGIRA:

  • Umuntu yashitse ku rubuga rwacu akoresheje agakarata ka jw.org

    Koresha agace kavuga ngo “INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA.” Dufate ko uriko ubwira inkuru nziza umuvyeyi ashaka kumenya vyinshi ku bijanye no kurera abana. Ja ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INGO N’IMIRYANGO.

  • Koresha agace kavuga ngo “IVYASOHOWE.” Dufate ko uriko uramamaza kw’ishure akaryo kizanye, ukaba ushaka kwereka uwo mwigana agatabu Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza. Ja ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU BE N’UDUTABU.

  • Koresha agace kavuga ngo “IBITWEREKEYE.” Dufate ko uriko urabwira inkuru nziza uwo mukorana, akaba yipfuza gusoma ibijanye n’ivyo twemera. Ja ahavuga ngo IBITWEREKEYE > IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO GUKORESHA JW.ORG, MUCE MUGANIRA AHO MWOCA KUGIRA MUFASHE:

  • uwutemera Imana

  • uwuherutse gushikirwa n’icago

  • uwahororokewe

  • uwo wasubiye kugendera akubajije ahava amahera dukoresha

  • kavamahanga yipfuza kwitaba ikoraniro mu gihugu ciwe c’amavukiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika