ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Ndamukiza rup. 8
  • Kwamamaza no kwigisha ni ntahara mu guhindura abantu abigishwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwamamaza no kwigisha ni ntahara mu guhindura abantu abigishwa
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Dufashe “abafise agatima kabereye” gucika abigishwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Imitwe yo kuganirako ishingiye kuri Bibiliya
    Imitwe yo kuganirako ishingiye kuri Bibiliya
  • Ubusuku bw’inzu ku nzu, ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Ndamukiza rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Kwamamaza no kwigisha ni ntahara mu guhindura abantu abigishwa

Yezu yategetse abayoboke biwe kuja guhindura abantu abigishwa. (Mt 28:19) Ivyo birimwo kwamamaza no kwigisha. Umwe wese arakwiye kuza aribaza ati: ‘Noryohora ibiki muri iyi mice ihambaye ijanye no guhindura abantu abigishwa?’

KWAMAMAZA

Aho kurindira ko abantu badusanga aho turi, dutegerezwa kuja kurondera ababereye tubigiranye umwete. (Mt 10:11) Igihe turiko turamamaza, twoba tutagisha akaryo ko kuyagisha ‘ababa bahari’? (Ivk 17:17) Umwete intumwa Paulo yari afise mu gikorwa co kwamamaza waratumye Lidiya acika umwigishwa.​—Ivk 16:13-15.

Samweli ariko arabwira Ezekiyeli ibijanye n’ikinyamakuru; Salomon na Mary bariko barabwira inkuru nziza Ezekiyeli na Abigail

“Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke” (Ums 11:6)

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUBANDANYE KWAMAMAZA ‘UDATEZURA’​—AKARYO KIZANYE NO KU NZU N’INZU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Mu bikorwa vyiwe vya misi yose, Samweli yerekanye gute ko yarondera guteragira imbuto z’ukuri abigiranye umwete?

  • Kubera iki dukwiye kwitunira ku mice yose y’ukwamamaza?

  • Mu bikorwa vyawe vya misi yose, ubona ari bande wobwira inkuru nziza?

KWIGISHA

Kugira duhindure abantu abigishwa, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse kubaha ibitabu gusa. Dutegerezwa gusubira kubagendera no kubigisha Bibiliya kugira tubafashe gutera imbere mu vy’impwemu. (1Kr 3:6-9) Twokora iki none nka hamwe twokwigisha umuntu tubigiranye umwete ariko ntihagire ikivamwo? (Mt 13:19-22) Turakwiye kubandanya turondera abafise imitima imeze nk’“ivu ryiza.”​—Mt 13:23; Ivk 13:48.

Salomon na Mary bariko barigisha Bibiliya Ezekiyeli na Abigail; Ezekiyeli na Abigail bariko baramamaza ku mugaragaro

“Jewe narateye, Apolo aravomera, mugabo Imana yaguma ikuza” (1Kr 3:6)

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUBANDANYE KWAMAMAZA ‘UDATEZURA’​—KU MUGARAGARO NO MU GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Salomo na Mary bavomereye gute imbuto z’ukuri zari zaratewe mu mutima wa Ezekiyeli na Abigail?

  • Dukwiye kuba dufise intumbero iyihe igihe twamamaza mu mice itandukanye y’igikorwa, ushizemwo no ku mugaragaro?

  • Twokora iki kugira ngo twiteho cane umuce wo kwigisha abandi ukuri?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika