ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Nzero rup. 6
  • Yezu yarakunda abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yarakunda abantu
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Nzero rup. 6
Yezu akiza umunyamibembe

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 8-9

Yezu yarakunda abantu

Muri Matayo ikigabane ca 8 n’ica 9 havugwamwo ibikorwa Yezu yaranguriye mu karere ka Galilaya. Naho ibitangaro yakoze vyo gukiza abantu vyerekanye ko afise ububasha, ahanini vyaragaragaza ko abakunda cane kandi ko abafitiye impuhwe.

  1. Ibisagara vy’i Galilaya Yezu yakijijemwo abantu

    Yezu yarakijije umunyamibembe.​—Mt 8:1-3

  2. Yezu yarakijije umusuku w’intwazangabo imwe.​—Mt 8:5-13

    Yarakijije inabukwe wa Petero.​—Mt 8:14, 15

    Yarirukanye amadayimoni yongera arakiza abantu bari bamerewe nabi.​—Mt 8:16, 17

  3. Yezu yarirukanye amadayimoni akaze bimwe bidasanzwe, ayarungika mu busho bw’ingurube.​—Mt 8:28-32

  4. Yezu yarakijije umuntu amugaye.​—Mt 9:1-8

    Yarakijije umugore yari yakoze ku mpuzu yiwe, arazura n’umukobwa wa Yayiro.​—Mt 9:18-26

    Yarakijije impumyi n’ikiragi.​—Mt 9:27-34

  5. Yezu yaragendagenze ibisagara n’ibigwati, akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose.​—Mt 9:35, 36

Norushiriza gute kugaragariza abandi urukundo n’impuhwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika