UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 39–43
Yehova azokorera umwe wese ibihwanye n’ivyo yakoze
Zedekiya yaragararije Yehova aranka kwishikana ku Banyababiloni
Abahungu biwe biciwe mu maso yiwe. Yarahumishijwe amaso, aboheshwa amapingu y’umujumpu hanyuma apfungirwa i Babiloni gushika apfuye
Ebedi-meleki yarerekanye ko yizigira Yehova be n’uko yitwararika umuhanuzi wiwe Yeremiya
Yehova yasezeraniye Ebedi-meleki ko azomurokora ubwami bwa Yuda nibwasangangurwa
Yeremiya yamaze imyaka myinshi avuga ubuhanuzi n’umutima rugabo imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa
Yehova yarakingiye Yeremiya igihe Yeruzalemu yakikuzwa yongera aramukura mu maboko y’Abanyababiloni