UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 11-16
Isi izokwuzura ubumenyi bwerekeye Yehova
Ingene ubwo buhanuzi bwarangukiye ku Bisirayeli
Igihe Abisirayeli bari ku nzira bavuye mu bunyagano i Babiloni canke bamaze gushika mu gihugu cabo, ntibatinya kugirirwa nabi n’ibikoko canke abantu bameze nk’ibikoko.—Ezr 8:21, 22
Ingene ubwo buhanuzi buranguka mu gihe cacu
Ubumenyi bwerekeye Yehova bwaratumye abantu bahinduka. Abantu bahoze ari inkazi bacitse indemeshamahoro. Ubwo bumenyi bwatumye habaho iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ikwiye kw’isi yose
Ingene ubwo buhanuzi buzoranguka muri kazoza
Isi yose izoba Iparadizo irangwamwo amahoro n’umutekano, uwo akaba ari wo mugambi Imana yari ifise mu ntango. Nta muntu canke igikoko bizotera ingorane