UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | UMUSIGUZI 7-12
“Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe”
Niwibuke Umuremyi wawe Ahambaye mu kumukorera ukiritera ukarisama
Abakiri bato benshi usanga bafise ingoga zo gukora ibikorwa bigoye ariko bihimbaye
Abakiri bato bakwiye gukoresha umwanya wabo n’inguvu zabo mu gukorera Imana ubusaza butarabanyaga ubugabo
Salomo yakoresheje amajambo ndyoshamvugo mu kudondora ingorane zizanana n’ubusaza
Umurongo wa 3: “Abakenyezi barabira mu madirisha . . . bagasanga harijimye”
Kutabona neza
Umurongo wa 4: “Abakobwa b’ururirimbo bose . . . bakavugira hasi”
Kutumva neza
Umurongo wa 5: “Agapiripiri kagaturika”
Kutagira akayabagu