Niwibuke Umuremyi Wawe Ahambaye!
“Wame wibuka Umuremyi wawe . . . imisi mibi itaraza.”—Umusiguzi 12:1.
1. Urwaruka rwiyeguriye Imana rukwiye kurondera gukoresha gute ubuto bwarwo n’inguvu zarwo?
YEHOVA araha abasavyi biwe inkomezi zo gukora ivyo agomba. (Yesaya 40:28-31) Ivyo ni ko biri uko imyaka yabo ingana kwose. Mugabo urwaruka rwiyeguriye Imana ni rwo canecane rukwiye kurondera gukoresha ubuto bwarwo be n’inguvu zarwo mu buryo buranga ubukerebutsi. Ni co gituma rushira ku mutima impanuro yatanzwe n’ “umusiguzi,” Umwami Salomo wo muri Isirayeli ya kera. Yahimirije ati: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’uzovuga, uti Nta kikinnezereza.”—Umusiguzi 1:1; 12:1.
2. Abana b’Abakirisu biyeguriye Imana bakwiye gukora iki?
2 Iyo nkeburo Salomo yatanze yerekeye ivy’ukwibuka Umuremyi Ahambaye mu gihe c’ubuto yabanje kubwirwa imisore n’inkumi bo muri Isirayeli. Bari bavukiye mw’ihanga ryari ryariyeguriye Yehova. Twovuga iki ku vyerekeye abana b’Abakirisu biyeguriye Imana bo muri iki gihe? Nta nkeka ko bakwiye gushira Umuremyi wabo Ahambaye mu muzirikanyi. Nibabigira, bazomutera iteka vyongere bibagirire ikimazi.—Yesaya 48:17, 18.
Uturorero Twiza two mu Gihe ca Kera
3. Ni uturorero utuhe twatanzwe na Yozefu, Samweli hamwe na Dawidi?
3 Abakiri bato benshi bavugwa muri Bibiliya baratanze uturorero twiza mu kuba baributse Umuremyi wabo Ahambaye. Kuva Yozefu umuhungu wa Yakobo akiri umwana, yaributse Umuremyi wiwe. Igihe umugore wa Potifari yagerageza Yozefu ngo aryamane na we, yaravyanse yivuye inyuma maze avuga ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?” (Itanguriro 39:9) Wa Mulewi Samweli ntiyibutse Umuremyi wiwe mu gihe yari akiri muto gusa, ariko kandi yaramwibutse mu buzima bwiwe bwose. (1 Samweli 1:22-28; 2:18; 3:1-5) Umusore Dawidi w’i Betelehemu nta mazinda yaragumije Umuremyi wiwe mu muzirikanyi. Ukwizigira Imana kwiwe kwigaragaje igihe yahangana na ca kigatanya c’Umufilisitiya Goliyati hanyuma avuga ati: “Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye. Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; . . . kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’Imana; kand’iri koraniro ryose rimenye yuk’Uhoraho adakirisha inkota cank’icumu, kukw intambara ar’iy’Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.” Hadaciye na kanya, Goliyati yari yapfuye Abafilisitiya na bo batungwa n’ayo bameze.—1 Samweli 17:45-51.
4. (a) Ni igiki cerekana ko ka gakobwa k’Akisirayeli kari inyagano i Siriya be n’Umwami akiri muto Yosiya bibutse Umuremyi wacu Ahambaye? (b) Yezu afise imyaka 12 y’amavuka yerekanye gute ko yibuka Umuremyi wiwe?
4 Uwundi akiri muto yibutse Umuremyi Ahambaye kari agakobwa k’akanyagano k’Akisirayeli. Karashingiye intahe nziza cane umugore w’intwazangabo y’Umusiriya Namani ku buryo uno yagiye ku muhanuzi yatumwe n’Imana, arakizwa imibembe hanyuma acaba uwusenga Yehova. (2 Abami 5:1-19) Umwami akiri muto Yosiya yarateje imbere n’umutima rugabo ugusenga Yehova gutyoroye. (2 Abami 22:1–23:25) Mugabo akarorero gahebuje k’umuntu yibutse Umuremyi wiwe Ahambaye igihe yari akiri muto yari Yezu w’i Nazareti. Nurimbure ivyabaye igihe yari afise imyaka 12 y’amavuka. Abavyeyi biwe bamujanye i Yeruzalemu kuri Pasika. Bari mu nzira batahutse, babonye ko Yezu batari kumwe; nuko baca basubira inyuma kumurondera. Ku musi ugira gatatu, bamusanga ariko yiganirira ibintu vyo mu Vyanditswe n’abigisha bo mu rusengero. Mu kwishura ikibazo nyina wiwe amubajije n’amaganya, Yezu yabajije ati: “N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?” (Luka 2:49) Vyari ngirakamaro ko Yezu aronkera amakuru afise agaciro mu vy’impwemu ku rusengero, ‘kwa Se.’ Muri iki gihe, Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova ni ikibanza ciza ntangere co kurahuriramwo ubumenyi nyakuri bwerekeye Umuremyi wacu Ahambaye.
Niwibuke Yehova Ubu!
5. Mu majambo yawe bwite, woserura gute ivyo umusiguzi yavuze vyanditswe mu Musiguzi 12:1?
5 Uwusenga Yehova n’umutima wiwe wose yipfuza gutangura umurimo w’Imana hakiri kare bishoboka hanyuma akayikorera imisi isigaye y’ubuzima bwiwe. Ariko none, umuntu apfisha ubusa ubuto bwiwe kubera ukutibuka Umuremyi wiwe, yoba afise ivyizigiro ibihe? Ahumekewe n’Imana, umusiguzi avuga ati: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’uzovuga, uti Nta kikinnezereza.”—Umusiguzi 12:1.
6. Ni ikimenyamenya ikihe dufise c’uko Simeyoni na Ana b’abahumure bibutse Umuremyi wabo Ahambaye?
6 Nta n’umwe ashimishwa n’ “imisi mibi” yo mu busaza. Mugabo abageze mu zabukuru bagumiza Imana mu muzirikanyi barafise umunezero. Nk’akarorero, umuhumure Simeyoni yarareze umwana Yezu ku rusengero hanyuma avugana akamwemwe ati: “Databuja, noneh’urasezeye umusavyi wawe amahoro, nk’uko wavuze: kukw amaso yanje abonye agakiza kawe, ako wateguye mu maso y’amoko yose, kuba umuco wākira amahanga, no kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.” (Luka 2:25-32) Ana, uwari amaze imyaka 84 y’amavuka na we nyene yaributse Umuremyi wiwe. Yama nantaryo ari ku rusengero kandi ntiyari yatanzwe igihe bahazana umwana Yezu. “Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.”—Luka 2:36-38.
7. Abasaziye mu murimo w’Imana ivyabo vyifashe gute?
7 Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe basaziye mu murimo w’Imana barashobora kuba bacumukuzwa n’imibabaro be n’ivyo batagishoboye kubera ubusaza. Yamara, uzi ukuntu bahimbawe kandi uzi ukuntu dushima umurimo barangura ari abizigirwa! Barafise “umunezero w’Uhoraho,” kubera ko bazi yuko yifatiye mu minwe ivy’iyi si ku bw’ububasha bwiwe budatsindwa kandi akaba yashinze Yezu Kirisitu kuba Umwami akomeye wo mw’ijuru. (Nehemiya 8:10) Ubu ni co gihe c’uko abato n’abakuze bumvira aya majambo aduhimiriza agira ati: “Namwe misore n’inkumi; namwe batāma n’abana: ni [mu]shime izina ry’Uhoraho, kukw izina ryiwe ryonyene ari ryo rishizwe hejuru: ubukuru bgiwe buri hejuru y’isi n’ijuru.”—Zaburi 148:12, 13.
8, 9. (a) Ni kuri bande ya “misi mibi” ata vyiza irimwo, kandi ni kuki bimeze gutyo? (b) Woshobora gusobanura gute Umusiguzi 12:2?
8 “Imisi mibi” yo mu busaza nta vyiza izana—kumbure iteza amaganya menshi—ku bantu batiyumvira Umuremyi wabo Ahambaye kandi ntibatahure imigambi yiwe y’akaroruhore. Nta gutahura ivy’impwemu bafise gushobora kubahumuriza mu marushwa yo mu busaza be n’ingorane bisinzikaje abantu kuva aho Shetani yirukaniwe mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 12:7-12) Ni co gituma umusiguzi aduhimiriza kwibuka Umuremyi wacu “izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwiza, kand’ibicu bitaragaruka imvura imaze guhita.” (Umusiguzi 12:2) Ayo majambo asobanura iki?
9 Salomo asanisha ikiringo c’ubuto n’ici ryo muri Palestina igihe izuba, ukwezi be n’inyenyeri bitanga umuco mu kirere kitagiramwo ibicu. Muri ico gihe ibintu bisa n’ibisayangana. Ariko rero mu busaza, imisi y’umuntu iba imeze nk’igihe c’urushana c’imbeho n’imvura, kirimwo amasegenya akurakuranwa y’amagorwa. (Yobu 14:1) Ese ukuntu vyoba bibabaje umuntu amenye ivyerekeye Umuremyi, mugabo akananirwa kumukorera mu gihe c’ubuzima kimeze nk’ici! Mu kiringo c’ubuzima bwo mu busaza kimeze nk’urushana, ibintu birijima, na canecane ku bantu bagishije uturyo two gukorera Yehova mu buto bwabo kubera ko bisutse mu vy’ukwiruka inyuma y’ibintu vy’impfagusa. Ariko rero imyaka yacu yaba ingana gute, nimuze ‘dukurikire Uhoraho Imana muri vyose,’ nk’uko umwizigirwa Kalebu yabigize, ya ntadohoka yifatanije n’umuhanuzi Musa.—Yosuwa 14:6-9.
Ingaruka z’Ubusaza
10. Ni igiki kigereranywa na (a) “abazigamyi b’inzu”? (b) ‘abagabo b’abanyenkomezi’?
10 Ubukurikira Salomo adoma urutoke ku ngorane zo “ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’[abagabo b’]abanyenkomezi bakabunda, [“abagore,” NW] [b]asya bagasigaho kuko babaye bake, kand’[“abagore,” NW] [b]arungurukira mu madirisha bagahuma.” (Umusiguzi 12:3) Iyo “nzu” yerekeza ku mubiri w’umuntu. (Matayo 12:43-45; 2 Ab’i Korinto 5:1-8) “Abazigamyi” bayo ni amaboko n’ibiganza bikaba bikingira umubiri kandi bikawuha ivyo ukeneye. Mu busaza kenshi birasusumira kubera intege nke, ubwoba n’ukumugara. “[Abagabo b’]abanyenkomezi”—ni ukuvuga amaguru—ntibaba bakiri inkingi zikomeye ariko baba bagoyagoya kandi bakagorama ku buryo ibirenge vyikwega hasi. Yamara ntuhimbarwa no kubona abo dusangiye ukwemera bageze mu zabukuru ku makoraniro ya gikirisu?
11. Mu buryo bw’ikigereranyo, ‘abagore basya’ hamwe n’ ‘abagore barungurukira mu madirisha’ ni bande?
11 “[“Abagore,” NW] [b]asya bagasigaho kuko babaye bake”—mbega ni mu buryo ki? Amenyo ashobora kuba yaraboze canke yarahongotse, nimba hari ayakiriko naho akaba ari imparurwa. Guhekenya ibifungurwa bigumye biragoye canke ntibinashoboka. “[“Abagore,” NW] [b]arungurukira mu madirisha”—ni ukuvuga amaso hamwe n’ubwenge bituma tubona—barahwihwisha, nimba batanahuma.
12. (a) Bishoboka bite ko “imiryango irāba ku nzira [yugawe]”? (b) Wiyumvira iki ku vyerekeye abamamaji b’Ubwami bageze mu zabukuru?
12 Umusiguzi arakomeza ati: “Imiryango irāba ku nzira ikugarwa; ijwi ry’urusyo rikōmbōka, umuntu akavyu[rwa n’u]tunyoni, kand’abakobga bose b’abaririmvyi bagaca bugufi.” (Umusiguzi 12:4) Imiryango ibiri y’akanwa—ni ukuvuga iminwa—ntiba icasama cane canke ntivaneko namba kugira ngo iserure ikiri mu “nzu,” ari wo mubiri, w’abo bageze mu zabukuru badakorera Imana. Nta kintu na kimwe kirungikwa mu “nzira” y’abantu. Yamara, twovuga iki ku vyerekeye abamamaji b’Ubwami bageze mu zabukuru b’abanyamwete? (Yobu 41:14) Bashobora kuba bandara bava mu nzu baja mu yindi kandi hari bamwe bashobora kuvuga bibagora, mugabo ntibabura gushemeza Ya!—Zaburi 113:1.
13. Umusiguzi adondora gute izindi ngorane z’abashaje, mugabo bimeze gute ku vyerekeye Abakirisu bageze mu zabukuru?
13 Ijwi ry’urusyo riragabanuka mu gihe imfungurwa zihekenywa n’ibishinyari. Ku buriri bwiwe, uwugeze mu zabukuru ntaryama umukondorazosi. N’ukuzwiragira kw’inyoni kuramukoma. Aririmba indirimbo nkeyi, kandi agize ngo yikoze mu gahogo, usanga aririmba ukudashemeye. “Abakobga bose b’abaririmvyi”—ni ukuvuga amajwi y’ururirimbo—“[baca] bugufi.” Uwugeze mu zabukuru ntaba acumva neza umuziki n’ururirimbo biririmbwa n’abandi. Ariko rero abasizwe bageze mu zabukuru na bagenzi babo, bamwe muri bo bakaba batakiri bato, barabandanya kuduza amajwi yabo mu kuririmba bashemeza Imana ku makoraniro y’Abakirisu. Uzi ukuntu dufise akanyamuneza ko kuba turi kumwe, mu kuninahaza Yehova mw’ishengero!—Zaburi 149:1.
14. Ni ubwoba ubuhe abageze mu zabukuru bafise?
14 Ese ukuntu abageze mu zabukuru bafise umubabaro mwinshi, na canecane abirengagije Umuremyi! Umusiguzi avuga ati: “Mber’abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’agapiripiri kazotituka: kuk’umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’abamuririra.” (Umusiguzi 12:5) Benshi mu bageze mu zabukuru bari hejuru ku ngazi y’inzu, baratinya ngo bahava bagwa. Eka mbere no kurangamiza ngo barabe ikiri hejuru birashobora gutuma bazungurirwa. Igihe bategerezwa kuja mu mabarabara arimwo abantu benshi, baracika ivutu biyumvira ko abasuma bahava babakomeretsa canke ngo babatere.
15. Twovuga gute ko “igiti citwa shakedi [ca]muza,” kandi twovuga gute ko igihori ‘cikwega’?
15 Ku wugeze mu zabukuru, “igiti citwa shakedi kizokwamuza,” bisa n’uko vyerekana ko imishatsi yiwe yacitse imvi, maze ikera derere. Izo mvi zihunguruka nka ya mashurwe yera y’igiti citwa shakedi. Uko ‘yikwega,’ kumbure akaba yunamye arekereje amaboko canke yifashe ku mafyigo inkokora na zo zipfunye, aba asa n’igihori. Mugabo naho uwo ari we wese muri twebwe yoba ashaka kumera nk’ukwo, abandi nibamenye yuko turi muri ca gitero c’inzige ca Yehova gikomeye kandi kinyaruka bwampi!—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1998, urupapuro rwa 14-19.
16. (a) Ukuba ‘agapiripiri karatitutse’ bisobanura iki? (b) “I wabo w’intahava” w’umuntu ni iki, kandi ni ibimenyetso ibihe vyibonekeza vyerekana ko agiye gupfa?
16 Umuntu ageze mu zabukuru ntaba agifise akayabagu kenshi, naho nyene imfungurwa ziri imbere yiwe zoba ziryoshe nk’izo bashizemwo agapiripiri. Izo piripiri ziba zimaze igihe kirekire zikoreshwa kugira ngo zivyure akayabagu. ‘Ukuba agapiripiri karatitutse’ vyerekana ko igihe akayabagu k’uwugeze mu zabukuru kagabanutse, mbere n’ico camwa ntigishobora gutuma yipfuza gufungura. Ivyo bintu vyerekana yuko ariko aregereza “i wabo w’intahava,” ari yo mva. Izoba inzu yiwe ibihe bidahera nimba yarananiwe gushira Umuremyi wiwe mu muzirikanyi maze agakurikirana ingendo mbi ku buryo Imana itamwibuka mu gihe c’izuka. Ibimenyetso vy’uko urupfu rwegereje biribonekereza ku kuriragurika be n’ukuniha k’ukwidodomba biguma bisohokera muri ya miryango y’akanwa k’uwugeze mu zabukuru.
17. “Umugozi w’urutsinga rw’ifeza” ukurwaho gute, kandi “urwavya rw’izahabu” rushobora kuba rugereranya iki?
17 Duhimirizwa kwibuka Umuremyi wacu “umugozi w’urutsinga rw’ifeza utaracika, urwavya rw’izahabu rutarameneka, umubindi utaramenekera ku mugezi, ikurudumu [y’iriba itarapfa].” (Umusiguzi 12:6) Uyo “mugozi w’urutsinga rw’ifeza” ushobora kuba ari umusokoro w’uruti rw’umugongo. Igihe iyo nzira nsozabwenge y’igitangaza ishikana ku bwonko yononekaye buhere umuntu arasandaba nta kabuza. Urwo “rwavya rw’izahabu” rushobora kuba rwerekeza ku bwonko, buba buri mu gahanga kameze nk’urwavya, wa musokoro w’uruti rw’umugongo ukaba ubumaseko. Ubwo bwonko ni nk’inzahabu kubera agaciro kabwo, iyo buhagaze bikwega urupfu.
18. Wa “mubindi [w’ikigereranyo] . . . ku mugezi” ni iki, kandi ni igiki kiba igihe umenetse?
18 “Umubindi . . . ku mugezi” ni umutima uronka umugende w’amaraso hanyuma ugasubira kuwurungika kugira ngo uzunguruke umubiri wose. Iyo umuntu apfuye, umutima ucika nk’umubindi wamenetse, ugasabira ku mugezi kubera ko utaba ugishobora kuronka, kujamwo no gupompera mu mubiri amaraso ngirakimazi mu kuwugaburira no kuwubungabunga. ‘Ikurudumu y’iriba ipfuye’ irareka kuzunguruka, igahagarika izunguruka ry’amaraso abungabunga ubuzima. Gutyo, Yehova yarahishuriye Salomo izunguruka ry’amaraso imbere cane yuko umuganga William Harvey wo mu kinjana c’17 agaragaza ko azunguruka.
19. Ni mu buryo ki amajambo ari mu Musiguzi 12:7 aranguka mu gihe umuntu apfuye?
19 Umusiguzi yongeyeko ati: “Umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.” (Umusiguzi 12:7) “Ikurudumu” yapfuye, umubiri w’umuntu, uwusanzwe uremwe mu mukungugu wo hasi, usubira mu mukungugu. (Itanguriro 2:7; 3:19) Umushaha urapfa kubera ko impwemu, canke inguvu y’ubuzima, yatanzwe n’Imana isubira ku Muremyi wacu igaca igumaho.—Ezekiyeli 18:4, 20; Yakobo 2:26.
Abibuka Bafise Kazoza Akahe?
20. Musa yariko asaba iki igihe yasenga nk’uko vyanditswe muri Zaburi 90:12?
20 Salomo yarerekanye mu buryo kirumara cane ukuntu ari ngirakamaro kwibuka Umuremyi wacu Ahambaye. Nta mazinda yuko ubuzima bugufi ugereranije kandi bwuzuyemwo imibabaro atari bwo gusa bwitezwe n’abagumiza Yehova mu muzirikanyi kandi bagakora ukugomba kwiwe n’umutima wabo wose. Baba bato canke bakuze, barafise agatima nk’aka Musa, uwasenze ati: “Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.” Umuhanuzi yatumwe n’Imana yicisha bugufi yaripfuje cane ko Yehova amwereka canke amwigisha, we hamwe n’abantu b’Abisirayeli kugaragaza ubukerebutsi mu guha agaciro ‘imisi y’imyaka yabo’ kandi bakayikoresha mu buryo bushimwa n’Imana.—Zaburi 90:10, 12.
21. Nimba dutegerezwa guharura imisi yacu ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova, dukwiye gukora iki?
21 Abakirisu bakiri bato canecane bakwiye kwiyemeza gukurikiza impanuro yatanzwe n’umusiguzi yo gushira Umuremyi mu muzirikanyi. Uzi ukuntu hari uturyo twiza ntangere bafise two kurangurira Imana umurimo mweranda! Ariko rero, imyaka dufise yaba ingana gute, nitwiga guharura imisi yacu ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova muri iki “gihe c’iherezo,” turashobora kubandanya kuyiharura ibihe bidahera. (Daniyeli 12:4; Yohana 17:3) Birumvikana ko kugira ngo tubandanye kuyiharura dukwiye kwibuka Umuremyi wacu Ahambaye. Dukwiye kandi kurangura ivyo dutegerezwa ku Mana vyose.
Wokwishura Gute?
◻ Ni kuki urwaruka ruhimirizwa kwibuka Umuremyi warwo?
◻ Ni uturorero utuhe two mu Vyanditswe tw’abibutse Umuremyi wabo Ahambaye?
◻ Ni ingaruka izihe z’ubusaza Salomo yadondoye?
◻ Abashira Yehova mu muzirikanyi bafise kazoza akahe?
[Ifoto ku rup. 11]
Dawidi, ka gakobwa k’akanyagano k’Akisirayeli, Ana be na Simeyoni baributse Yehova
[Amafoto ku rup. 12]
Ivyabona vya Yehova bageze mu zabukuru bararangurira Umuremyi wacu Ahambaye umurimo mweranda babigiranye umunezero