UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ubona wobugerageza umwaka umwe?
Ubuki? Ubutsimvyi busanzwe. Emwe, imihezagiro ntuzoronka aho uyikwiza!—Img 10:22.
UBAYE UMUTSIMVYI, URASHOBORA . . .
kwunguka ubuhanga kandi ukarushiriza kuryohererwa indimiro
gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. Uko ubwira abandi ibimwerekeye, ni ko bikwibutsa ukuntu Yehova ari igitangaza
kwironkera umunezero uva ku gushira ivy’Ubwami imbere no kwitangira abandi.—Mt 6:33; Ivk 20:35
kwitaba inama y’abatsimvyi iba mu ndwi idasanzwe, inama idasanzwe iba mu gihe c’iteraniro ry’umuzunguruko n’Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi
gutanguza no kuyobora inyigisho nyinshi za Bibiliya
kumarana umwanya wiyongereye n’abamamaji bagenzawe, mukaremeshanya.—Rm 1:11, 12