UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 1-10
Uwushaka kugiranira amahoro na Yehova ategerezwa kwubaha Umwana wiwe Yezu
Vyari vyaravuzwe ko amahanga yorwanije Yehova na Yezu
Vyari vyaravuzwe ko amahanga atokwemeye ubutegetsi bwa Yezu ahubwo ko yokwumiye ku butegetsi bwayo
Ubwo buhanuzi bwararangutse igihe Yezu yari kw’isi, ariko no muri iki gihe buraranguka mu buryo bwagutse
Umwanditsi w’iyo Zaburi avuga ko amahanga avugira mu ntamatama ikintu ata co kimaze. Ivyo bisobanura ko umugambi wayo ata co umaze kandi ko ata co uzoshikako
Abubaha Umwami yarobanuwe na Yehova ni bo bonyene bazoronka ubuzima
Abarwanya Umwami Mesiya bose bazorandurwa
Abubaha Umwana w’Imana, bararonka amahoro n’ugutekanirwa