Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Turiko turayaga n’ababanyi ku bijanye n’ingene twokwihanganira ingorane ikunda kudushikira twese. Ikintu kigoye cane kwihanganira kuruta ibindi ni ukubura uwawe. Si ko none? [Rindira yishure.] Raba iki kintu kiremesha Bibiliya idusezeranira. [Soma Ivyahishuwe 21:3, 4.] Bibiliya iraduha icizigiro c’uko umusi uri izina tuzosubira kubona abacu bapfuye. Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu ivyo bizogenda.”
Be maso! Myandagaro
“Turiko turereka ababanyi bacu ikiganiro kivuga ibijanye n’amakuru menshi atangaje ari mu tugingo ngengabuzima twacu. [Numwereke igipfukisho ca Be maso!] Abatari bake bemera ko ubuzima bwabayeho biciye kwihindagurika, mu gihe abandi bemera ko ubuzima bwaremwe. Wewe wemera iki? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu abanyasiyansi bubuye bisiga ubwenge vyerekeye utugingo ngengabuzima, bino bikaba vyatumye bibaza niba hoba hariho uwatanguje ubuzima.”