Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 3 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 63 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 28 ing. 10-17 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 18-20 (Imin. 8)
No. 1: 1 Abami 18:30-40 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Debora—Umutwe: Abagore b’abizigirwa barashemeza Yehova—my rup. 50 (Imin. 5)
No. 3: Bibiliya yoshobora gute gufasha abana?—igw rup. 27 ing. 1-2 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nimugende muhindure abantu abigishwa.’—Mat. 28:19, 20.
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Myandagaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza bwatanzwe. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose kuva mu ntango gushika ku mpera.
Imin. 10: Niwungukire ku gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nuhere ku gushikiriza insiguro y’iminuta 5 ishingiye ku canditswe c’umwaka co mu 2015. Mu nyuma, nusabe abamamaji bavuge igihe bashinze co kurimburirako icanditswe c’umusi. Nusozere uremesha bose kwungukira ku gukoresha agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 26 n’isengesho