Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 15 RUHESHI
Ururirimbo rwa 77 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 26 ing. 1-9 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 22-24 (Imin. 8)
No. 1: 2 Samweli 22:21-32 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Kayini—Umutwe: Ukuntu twakira impanuro birahishura vyinshi ku bitwerekeye—w08 15/10 rup. 5 ing. 10-11 (Imin. 5)
No. 3: Gukunda abandi no kugamburuka birazana agahimbare—igw rup. 22 ing. 4-6 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Ibuka imisi ya kera.”—Gus. 32:7.
Imin. 12: Mu bantu bavugwa muri Bibiliya ni nde ukunda cane? Ikiganiro c’ukubaza ibibazo hamwe n’insiguro. Nuhere ku kubaza ibibazo abana babiri canke batatu bo mw’ishengero: Mu bantu bavugwa muri Bibiliya ni nde ukunda cane? Bibiliya ivuga ko yakoze iki? Womwigana gute? Nuce ubandanya ushikiriza insiguro yerekana ukuntu abana bokwungukira ku bantu bavugwa muri Bibiliya dusanga mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Nuremeshe abavyeyi bafise abana batoyi gukoresha utwo dupapuro mu kwigisha abana babo ivyerekeye “imisi ya kera.”—Gus. 32:7.
Imin. 18: “Niwigire ku bamamaji babimenyereye.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Igihe mwihweza ingingo ya kabiri, nusabe abumviriza bavuge ingene bungukiye ku gukorana mu busuku n’abamamaji babimenyereye.
Ururirimbo rwa 4 n’isengesho