Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 16 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 65 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 21 ing. 16-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 217 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 5-9 (Imin. 8)
No. 1: 1 Samweli 6:10-21 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Aburahamu—Umutwe: Nugaragaze ukwicisha bugufi—w12 1/1 rup. 9-10 (Imin. 5)
No. 3: Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu—igw rup. 11 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nube uwiteguriye igikorwa ciza cose.’—Tito 3:1.
Imin. 10: Baritanze babikunze muri Tayiwani. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku kiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2014, urupapuro rwa 3-6. Abamamaji bavugwa muri ico kiganiro biteguriye gute kwimukira mu kindi gihugu? Ni ivyiza ibihe bironkeye?
Imin. 20: “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Niwame ushira abantu ibinyamakuru.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Muhejeje kurimbura ico kiganiro, nimugire umwerekano mugufi w’umwamamaji ariko arasaba uwo yama ashira ibinyamakuru ko bokwiga Bibiliya. Nuce ubaza ibi bibazo umwamamaji afise abantu yama ashira ibinyamakuru: Ufise abantu bangahe wama ushira ibinyamakuru? Witegura gute imbere y’uko ushira umwe wese ibinyamakuru? Numusabe yigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho