Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 9 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 44 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 21 ing. 9-15 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 1-4 (Imin. 8)
No. 1: 1 Samweli 2:30-36 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Ni ibiki Bibiliya yavuze imbere y’igihe ku bijanye na Mesiya?—igw rup. 10 (Imin. 5)
No. 3: Asa—Umutwe: Nugirire umwete ugusenga kw’ukuri—w12 15/8 rup. 8-10 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nube uwiteguriye igikorwa ciza cose.’—Tito 3:1.
Imin. 10: ‘Nube uwiteguriye igikorwa ciza cose.’ Insiguro ishingiye ku civugo c’uku kwezi. Nusome Imigani 21:5, Tito 3:1, na 1 Petero 3:15 wongere ugire ico uhavuzeko. Nusigure ukuntu kwitegura neza bigirira akamaro abakirisu. Nuvuge muri make bimwebimwe mu biganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo vyo muri uku kwezi, wongere werekane ingene bifitaniye isano n’icivugo c’uku kwezi.
Imin. 10: Nubaze ibibazo umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Igikorwa ujejwe kigizwe n’ibiki? Witegurira gute kuyobora ishure buri ndwi? Ni kubera iki abanyeshure bakwiye gutegura neza ibiganiro vyabo? Igihe abumviriza basomye amayagwa yo mw’ishure imbere yo kuza ku makoraniro, ni ivyiza ibihe bironkera?
Imin. 10: “Woba uriko uritegurira Icibutso?” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuganire muri make amayagwa ari mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2013 urupapuro rwa 2. Nimushiremwo umwerekano w’umwamamaji ahaye ikaze umushitsi ku Cibutso.
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho