Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 26 NZERO
Ururirimbo rwa 99 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 19 ing. 9-17 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 5-7 (Imin. 8)
No. 1: Abacamanza 7:12-25 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Abishayi—Umutwe: Nugumize ijisho ku bandi maze ubafashe—w13 15/1 rup. 30 ing. 13 (Imin. 5)
No. 3: Uburyo butandukanye ushobora kwiga ivyerekeye Yehova—igw rup. 5 ing. 1-4 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: Nushumbire Umukama n’ukwicisha bugufi kwose.—Ivyak. 20:19.
Imin. 10: Ivyo tuzoshikiriza muri Nzero na Ruhuhuma. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bigane ibintu vyiza biboneye igihe bariko barashikiriza agatabu Inkuru nziza. Nimugire umwerekano mugufi w’ukuntu ako gatabu koshikirizwa. Muhejeje, nimuce irya n’ino ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki woca ugenda udatebaganye?”
Imin. 10: Abakurambere bashumbira Umukama—Umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ikiganiro co kubaza ibibazo umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi gishingiye kuri ibi bibazo: Ibanga ryawe rigizwe n’ibiki? Witegurira gute kurongora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi? Kubera iki bidashoboka yuko uha ijambo abantu bose baduza ukuboko? Umusomyi, abishura, n’abavukanyi batembereza mikoro bashobora gute gufasha mu gutuma Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi iba ngirakamaro be n’iyiryoshe? Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami riheruka ryagufashije gute kurushiriza kwitwararika iryo banga rihambaye?
Imin. 10: “Nukoreshe jw.org mu busuku—‘Nube umugenzi wa Yehova.’” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze ibintu bimwebimwe bigize ico gice c’umuhora wacu, maze uvugirize abumviriza kimwe mu bintu bihari. Nusabe abumviriza bavuge uburyo butandukanye twokoresha ico gice “Nube umugenzi wa Yehova” igihe dushinga intahe inzu ku nzu, ku mugaragaro, canke akaryo kizanye.
Ururirimbo rwa 135 n’isengesho