Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 1 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 48 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 16 ing. 18-22, n’uruzitiro ruri ku rup. 167 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 32-34 (Imin. 10)
No. 1: Gusubira mu vyagezwe 32:22-35 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ivyiza biva ku kugamburuka nk’ukwa Kristu—cf rup. 64-65 ing. 22-25 (Imin. 5)
No. 3: Ni kubera iki gushikira ubuhumure ari umugambi mwiza cane ku bakirisu?—lv rup. 199 ing. 9-10 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Kigarama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimugire imyerekano itatu y’ingene ibinyamakuru vyoshikirizwa mukoresheje ubwo buryo butatu bwo kubishikiriza buri kuri uru rupapuro. Buri mwerekano uheze, nusabe abumviriza bavuge igituma ikiganiro uwo mwerekano wari ushingiyeko coshimisha abantu bamwebamwe bo mu cibare canyu.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwitwararika uwo muganira.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho