ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/14 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 10/14 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Munyonyo

“Raba iki kibazo gishimishije. [Nusome ikibazo ca mbere kiri ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo.] Ucibazako iki? [Nusome ingingo zibiri ziri munsi y’ico kibazo wongere usome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe.] Ubona nogaruka kugira ngo tuzoganire igituma Yezu yazuye abantu be n’ico ivyo vyotumarira?”

Umunara w’inderetsi 1 Munyonyo

“Woba umaze kwibaza igituma hari ibintu vyinshi biteye ubwoba biba ng’aha kw’isi? [Rindira yishure.] Bibiliya irasigura igituma mu Vyahishuwe 12:9. [Soma.] Yamara, umurongo wa 12 uratanga impamvu yotuma twizigira ko vuba utwosho twa Shetani tugiye kuvaho. [Soma Ivyahishuwe 12:12.] Iki kiganiro kivuga ngo ‘Twoba dukwiye gutinya Shetani?’ kiratwereka ingene twokwikingira akosho ka Shetani ubu be n’ikiraririye kumushikira. Iki ni rwawe.”

Be maso! Munyonyo

“Abantu bose baripfuza kugira agahimbare, ariko benshi muri iki gihe nta gahimbare bafise. Wibaza ko ari igiki cotuma umuntu ahimbarwa vy’ukuri? [Rindira yishure.] Abantu benshi basanze Bibiliya ifasha umuntu kugira agahimbare mu buzima. Nk’akarorero, raba iyi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya. [Soma Abaheburayo 13:5.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bine bishingiye kuri Bibiliya vyotuma umuntu ahimbarwa mu buzima.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika