ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/14 rup. 1
  • Ntugishe uturyo uronka two kwamamaza!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntugishe uturyo uronka two kwamamaza!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Woba ushobora kwinjira mu “rugi runini ruja mu bikorwa”?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Turondere uturyo two kwamamaza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 10/14 rup. 1

ICIVUGO C’UKU KWEZI: “WAMAMAZE RYA JAMBO, UVYIHATIRE.”​—2 TIM. 4:2.

Ntugishe uturyo uronka two kwamamaza!

1. Ni icigwa ikihe twokwigira kuri Dawidi?

1 Umwami Dawidi ntiyareka ngo uko ivyiwe vyaba vyifashe bimubuze kugira ico akoze. Nk’akarorero, Dawidi yaripfuje kwubakira urusengero Yehova. Igihe Yehova yamubwira ko atari we yokwubatse urwo rusengero, yaciye agira ikindi akoze. Yaciye afasha mu kurondera ibikoresho Salomo yokoresheje mu kurwubaka. (1 Abm. 8:17-19; 1 Ngo. 29:3-9) Dawidi, aho kuguma yiyumvira ivyo atari ashoboye gukora, yituniye ku vyo yari ashoboye gukora. Ni gute twokwigana Dawidi igihe turondera uturyo two gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami?

2. Wisuzumye ni igiki ushobora kubona?

2 Nukore ivyo ushoboye: Benshi baroroheje ubuzima bwabo kugira bashobore kuba abatsimvyi bafasha canke basanzwe. (Mat. 6:22) Ubona gute nawe ubigize? Usuzumye ukuntu ivyawe vyifashe ubijanishije n’isengesho, urashobora kubona ko wugururiwe “umuryango munini uja ku gikorwa.” Niba ari ukwo, ntugishe ako karyo!​—1 Kor. 16:8, 9.

3. Ni uturyo utuhe two kwamamaza tutogisha naho uko ivyacu vyifashe vyoba bituma tudashobora gukora ubutsimvyi?

3 Bite hoho hamwe ukuntu ivyawe vyifashe vyoba bituma udashobora gukora ubutsimvyi? Ntufate minenegwe utundi turyo ufise two kwamamaza. Nk’akarorero, niba ukorana n’abantu batari Ivyabona vya Yehova, ubona gute urondeye akaryo keza ko kubabwira inkuru nziza? Niba urwaye, woba woshobora gukoresha uturyo uronka two kubwira inkuru nziza abaganga? Niwibuke ko hari intunganyo y’uko abamamaji badashoboye gukora vyinshi mu busuku kubera bitereye mu myaka canke bafise ingorane zikomeye z’amagara boshobora gutanga raporo y’iminuta 15, 30, canke 45. Igihe uriko uruzuza raporo yawe ya buri kwezi, niwiyemeze neza ko washizemwo umwanya wamaze wamamaza akaryo kizanye, utibagiye igisohokayandikiro ico ari co cose watanze, ushizemwo n’udupapuro tw’inkuru nziza hamwe n’ubutumire bw’Icibutso n’ubw’ihwaniro. Uzotangazwa n’ukuntu uzosanga umwanya wakoze wiyongereye kubera utagishije utwo turyo!

4. Wiyemeje gukora iki?

4 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, nimuze ntitugishe akaryo na kamwe ko gukwiragiza inkuru nziza. Tuzokwumva dushize akanyota kubera ko tuzoba twakoze ivyo dushoboye vyose ku bw’Ubwami.​—Mrk. 14:8; Luka 21:2-4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika