Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 25 Myandagaro 2014.
Icanditswe co mu Balewi 18:3 codufasha gute kwirinda kubona mu buryo bugoramye icitwa ko ari ciza canke kibi? (Ef. 4:17-19) [7 Muk., w02 1/2 rup. 32 ing. 4]
Itegeko riri mu Balewi 19:2 ritwigisha iki, kandi kubera iki dukwiye kwihatira kurigamburuka? [7 Muk., w09 1/7 rup. 9 ing. 5]
Ingingo ngenderwako iri mw’itegeko rya kera rijanye no gutorora itwigisha iki muri iki gihe? (Lew. 19:9, 10) [7 Muk., w06 15/6 rup. 22 ing. 13]
Ni kubera iki twovuga ko itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ritaremesha kwihora? (Lew. 24:19, 20) [14 Muk., w09 1/9 rup. 22 ing. 2-3]
Ni ryari vyaba ari bibi ko Umwisirayeli asaba inyungu ku ngurane yatanze, ariko ni ryari bitaba ari bibi? (Lew. 25:35-37) [21 Muk., w04 15/5 rup. 24 ing. 3]
Ni kubera iki kenshi muri Bibiliya havugwa imiryango 12 ya Isirayeli kandi mu bisanzwe hariho imiryango 13? (Guh. 1:49, 50) [28 Muk., w08 1/7 rup. 21]
Ni icigwa ikihe kijanye no kwubahiriza abageze mu zabukuru twokura ku nkuru iri mu Guharūra 8:25, 26 ijanye n’igikorwa Abalewi babwirizwa gukora? [11 Myand., w04 1/8 rup. 25 ing. 1]
Inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu Misiri ku gitangaro, ni kubera iki batsimbataje agatima ko kwidodomba, kandi ni icigwa ikihe twokura kuri iyo nkuru? (Guh. 11:5, 6) [18 Myand., w12 15/3 rup. 27 ing. 9-10]
Twokwigira iki ku nyifato Musa yagize igihe Eludadi na Medadi batangura gukora bwa bahanuzi? (Guh. 11:27-29) [18 Myand., w04 1/8 rup. 26 ing. 4]
Ni icigwa ikihe gihambaye twokwigira kw’itegeko ryari ryahawe Abisirayeli ryo “kwihingurira imibari y’ubuyonga ku mpuzu zabo”? (Guh. 15:37-39) [25 Myand., w04 1/8 rup. 26 ing. 7]