Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 24 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 4 ing. 19-23, n’uruzitiro ruri ku rup. 45 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 47-50 (Imin. 10)
No. 1: Itanguriro 48:17–49:7 (Imin. 4 canke idashika)
No.2: Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?—yp1 rup. 40-48 (Imin. 5)
No.3: Kuguma turi intahemuka kandi tutagira aho duhengamiye mu vya politike—lv rup. 51 ing. 3–rup. 53 ing. 6 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Niwigane akarorero ka Nehemiya. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bavuge ukuntu akarorero ka Nehemiya gashobora kudufasha twebwe abamamazanjili.
Imin. 10: Nukoreshe ibibazo kugira wigishe mu buryo kirumara—Igice ca 1. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 236, gushika ku rupapuro rwa 237, ingingo ya 2. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze n’imiburiburi kimwe mu vyiyumviro vyo muri ayo mayagwa.
Imin. 10: Amatwi ya Yehova ari ku gutakamba kw’abagororotsi. (1 Pet. 3:12) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, kuva ku rupapuro rwa 66, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 67, ingingo ya 1; no ku rupapuro rwa 104-105. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho