Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 2 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 2 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jl icigwa 14-16 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Petero 1–2 Petero 3 (Imin. 10)
No. 1: 1 Petero 2:18–3:7 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Uburyo bwo kumenya idini rimwe ry’ukuri—td 9A (Imin. 5)
No. 3: Igituma twemera tudakeka ko Yezu ari we Mesiya—Luka 24:44; Gal. 4:4 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Insiguro. Nimuremeshe bose kugira uruhara mu gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama. Nimugire umwerekano mugufi w’ukuntu vyogirwa mukoresheje urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi. Niba ikinyamakuru co muri Kigarama kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 15: Woba umaze kubigerageza? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu buryo bw’insiguro, nimusubire mwihweze muri make amayagwa ari muri ibi biganiro biherutse gusohoka mu Gikorwa dukorera Ubwami: “Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi” (km 12/12), “Nukoreshe amavidewo mu kwigisha” be na “Mbega iki kiganiro kizoshimisha nde?” (km 5/13). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bungukiye ku gushira mu ngiro inama tugirwa muri ivyo biganiro.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 12 n’isengesho