Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 18 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 18 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 20 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jl icigwa 8-10 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abaheburayo 9-13 (Imin. 10)
No. 1: Abaheburayo 10:19-39 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ico Ivyanditswe bivuga ku biraba Icibutso—td 8A (Imin. 5)
No. 3: Uburyo butandukanye tworemesha abandi—Rom. 15:4; 2 Kor. 1:3, 4 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu nyuma, numenyeshe ishengero aho isekeza ryo gutanga Inkuru y’Ubwami No. 38 rigeze aho iwanyu.
Imin. 10: “Ndabagendeye kubera ko . . . ” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu nyuma, nuvuge ivyo tuzoshikiriza muri Kigarama mwongere mugire umwerekano umwe canke ibiri mukoresheje inama zatanzwe muri iki kiganiro.
Imin. 10: Yehova arumviriza amasengesho y’abasavyi biwe. (1 Yoh. 3:22) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, ku rupapuro rwa 91, ingingo ya 2-3, no ku rupapuro rwa 108-109. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 56 n’isengesho