Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 14 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 32 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 15 ing. 7-12 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abafilipi 1-4–Abakolosayi 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Abafilipi 3:17–4:9 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ibatisimu ntiyoza ibicumuro—td 6B (Imin. 5)
No. 3: Isengesho rishobora gute kudufasha kunanira ibigeragezo?—Luka 11:9-13; Yak. 1:5 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Ubumwe dufitaniye n’abavukanyi bacu bo kw’isi yose buratera iteka Yehova. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 165, ingingo ya 2, gushika ku gatwe kari ku rupapuro rwa 168. Nusabe bamwe mu bumviriza bigane ivyabonywe vyasohowe mu bisohokayandikiro vyacu vyerekana ingene ubumwe n’urukundo vy’Ivyabona vya Yehova vyatumye hashingwa intahe.
Imin. 15: “Inkuru y’Ubwami No. 38 izoshikirizwa muri Munyonyo!” Ibibazo n’inyishu. Nimuronse agapapuro k’Inkuru y’Ubwami No. 38 umwe wese mu bari ng’aho. Nusabe umucungezi w’umurimo avuge muri make intunganyo zagizwe aho iwanyu kugira ngo muzoheture icibare. Mukoresheje uburyo bugufi bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’ukuntu iyo Nkuru y’Ubwami yoshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 53 n’isengesho