Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 30 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 30 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 99 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 14 ing. 20-25 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abagalatiya 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Abagalatiya 1:18–2:10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma Harumagedoni yerekana urukundo rw’Imana—td 5B (Imin. 5)
No. 3: Igituma Yehova abereye gusengwa—Ivyah. 4:11 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: “Woba woshobora kubasaba ngo mukorane?” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu nyuma, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu. Niba ikinyamakuru co muri Gitugutu kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 10: Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza—Gushinga intahe ku bantu b’indimi zose. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 104, ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 105, ingingo ya 2. Nihagirwe umwerekano.
Imin. 10: Ntimukigere mwiganyira. (Mat. 6:31-33) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, kuva ku rupapuro rwa 138, ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 139, ingingo ya 2. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 40 n’isengesho