Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 16 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 21 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 14 ing. 8-13 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abakorinto 1-7 (Imin. 10)
No. 1: 2 Abakorinto 1:15–2:11 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Gushinga intahe bituma tutagirwa n’amaraso—td 4C (Imin. 5)
No. 3: Umuntu yokora iki kugira ngo ahungire mw’izina rya Yehova?—Zef. 3:12 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Rwaruka—Muzokoresha Gute Ubuzima Bwanyu?—Igice ca 2. Insiguro ishingiye ku gapapuro Ubuzima Bwanyu, kuva ku ngingo ya 10 gushika ku mpera. Nubaze muri make umuntu yatanguye umurimo w’igihe cose akiri muto. Ni igiki catumye afata iyo ngingo? Ni ivyiza ibihe yironkeye?
Imin. 10: Igihe uriko urikorana. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. (1) Igihe turiko turamamaza ata wundi muntu turi kumwe, ni igiki kizodufasha kugumana umunezero? (2) Ni ibiki bibereye ko umuntu abako maso igihe agira amasubirayo ari wenyene? (3) Igihe akenshi ata n’umwe aza mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ku misi tugira uruhara mu busuku, ni gute twoshobora kuremesha abandi mw’ishengero ngo bifatanye natwe? (4) Ni ivyiza ibihe biva mu guhitamwo kuza uracishamwo ukamamaza uri wenyene ahantu hose n’ikiringo cose ivyo usanga bidateye akaga?
Imin. 10: “Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?” Ibibazo n’inyishu. Nimwihweze muri make ingene ako gatabu gatunganijwe be n’ibikagize.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2013, urupapuro rwa 3.
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho