Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 22 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 22 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 22 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 12 ing. 8-13 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyakozwe 22-25 (Imin. 10)
No. 1: Ivyakozwe 22:17-30 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni mu buryo butandukanye ubuhe turi mw’isi ariko tutari ab’isi?—Yoh. 17:15, 16 (Imin. 5)
No. 3: Ivy’uguterwa amaraso birahumanya ubweranda bwayo—td 2A (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ingene twogaragaza ko twubaha abandi mu busuku. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 190, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 192, ingingo ya 1. Nimugire umwerekano mugufi w’ibintu bibaho koko aho umwamamaji atagaragariza icubahiro umunyamuhana. Nimusubiremwo uwo mwerekano, ariko ubu ho wa mwamamaji akaba agaragaza icubahiro kibereye.
Imin. 20: “Uburyo bushasha bwo kwamamaza ku mugaragaro.” Ibibazo n’inyishu. Nuvuge intunganyo izo ari zo zose ishengero ryagize kugira ngo ryamamaze ku mugaragaro hakoreshejwe uburyo bwo gushira ibisohokayandikiro ku mameza canke ku tuntu dufise amapine bagenda barasunika, wongere uvuge n’ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 95 n’isengesho