Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 15 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 48 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 12 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyakozwe 18-21 (Imin. 10)
No. 1: Ivyakozwe 20:17-38 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Woba ushobora kumenya abahanuzi b’ikinyoma?—td 1A (Imin. 5)
No. 3: Dushobora gute kwerekana ko tugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu?—Rom. 8:6 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Nushikire imitima y’abo mwigana Bibiliya. (Luka 24:32) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri ibi bibazo: (1) Igihe uyobora inyigisho ya Bibiliya, ni kubera iki bihambaye ko ushimika (a) ku rukundo rwa Yehova n’ubukerebutsi bwiwe? (b) ku kamaro ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? (c) ku kamaro ko kwama turondera ubuyobozi bwa Yehova imbere yo gufata ingingo? (2) Ni gute kubaza ibi bibazo bikurikira uwo mwigana Bibiliya bigufasha kumenya nimba washikiriye umutima wiwe? (a) Ivyo wumva vyumvikana? (b) Wibaza ko ivyo vyoba bijanye n’urukundo rw’Imana? (c) Ni ivyiza ibihe ukura mu gushira mu ngiro iyo mpanuro?
Imin. 20: “Bavukanyi mukiri bato, mwoba muriko murarondera gushikira amabanga?” Ibibazo n’inyishu. Nubaze ibibazo muri make umukurambere canke umukozi w’ishengero yarondeye gushikira amabanga akiri muto. Ni ibikorwa ibihe be n’ukumenyerezwa ukuhe yaronse imbere y’uko agenwa kuba umukozi w’ishengero? Ni gute abandi bo mw’ishengero bamufashije gutera imbere mu vy’impwemu? Ni imihezagiro iyihe yironkeye kubera yarondeye gushikira amabanga?
Ururirimbo rwa 85 n’isengesho