Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 24 RUHESHI
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 11 ing. 1-8 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyakozwe 8-10 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: “Nimuyage ku kiganiro kimwe, ariko umusigire ibinyamakuru vyompi.” Insiguro. Iyo nsiguro irangiye, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro, mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 8. Niba ikinyamakuru co muri Mukakaro kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 10: Igikorwa cacu si ic’ubusa. (Heb. 6:10) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, kuva ku rupapuro rwa 112 munsi y’agatwe gushika ku rupapuro rwa 115. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Imin. 10: Ivyo tuzoshikiriza muri Mukakaro na Myandagaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze muri make ibintu nyamukuru biranga udutabu tuzoshikiriza. Nimugire imyerekano y’ingene tubiri muri two twoshikirizwa. Mu mwerekano umwe hakwiye kwerekanwa ukuntu agatabu Inkuru nziza koshikirizwa, mukoresheje uburyo bwo kugashikiriza bwerekanywe ku rupapuro rwa 8 canke bumwe mu buryo bwo kugashikiriza bwerekanywe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2013.
Ururirimbo rwa 129 n’isengesho