Ni igiki gituma twamamaza?
1. Ni isano irihe riri hagati y’urukundo n’ubusuku bwacu?
1 Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose twokora muri iki gihe. Nkako, dukoze ico gikorwa tuba twerekanye ko tugamburuka ya mabwirizwa abiri ahambaye kuruta ayandi, na yo akaba ari gukunda Yehova no gukunda bagenzi bacu. (Mrk. 12:29-31) Urukundo ni rwo rutuma tuba abasuku b’abanyamwete.—1 Yoh. 5:3.
2. Igikorwa cacu co kwamamaza kigaragaza gute ko dukunda Yehova?
2 Urukundo dukunda Yehova: Urukundo dukunda Umugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose ari we Yehova ruratuma tumuburanira. Haraheze imyaka nka 6.000 Shetani amusize iceyi. (2 Kor. 4:3, 4) Ni co gituma abantu bemera ko Imana ibabariza abacumuzi mu muriro udahera, ko ari Ubutatu bw’amayobera be n’uko ititaho abantu. Hari mbere n’abashitse ku ciyumviro c’uko itabaho. Ese ukuntu twipfuza cane ko abantu bamenya ukuri ku vyerekeye uwo Data wa twese wo mw’ijuru! Utwigoro tugira tubigiranye umwete kugira ngo tuburanire Imana turatuma ihimbarwa cane Shetani na we aho ari rikaniga.—Imig. 27:11; Heb. 13:15, 16.
3. Ni mu buryo ubuhe ubusuku bwacu ari ikintu cerekana urukundo dukunda bagenzi bacu?
3 Urukundo dukunda bagenzi bacu: Igihe cose tubwiye inkuru nziza umuntu, tuba twerekanye ko tumukunda. Abantu barakeneye rwose kwumva inkuru nziza muri bino bihe bigoye. Benshi bameze nka ba Banyaninewe bo mu gihe ca Yona ‘batari bazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu.’ (Yona 4:11) Ubusuku bwacu burafasha abantu kumenya ingene bobaho bahimbawe be n’ingene bororanirwa mu buzima. (Yes. 48:17-19) Buratuma bagira icizigiro. (Rom. 15:4) Bumvirije ivyo biga kandi bagakora bahuza na vyo, ‘bazokizwa.’—Rom. 10:13, 14.
4. Ni igiki Yehova atazokwigera yibagira?
4 Abana beza ntibagaragariza urukundo abavyeyi babo mu bihe binaka gusa. Barihatira kurubagaragariza ibihe vyose. Muri ubwo buryo nyene, urukundo rukomeye dukunda Imana na bagenzi bacu ruzotuma tutagisha uturyo two kwamamaza ibihe vyose, atari igihe gusa tuba turamutse tuja mu busuku. Tuzokwamamaza tudatezura. (Ivyak. 5:42) Yehova ntazokwigera yibagira urwo rukundo.—Heb. 6:10.