Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 27 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 27 RUSAMA
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 10 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 12-16 (Imin. 10)
No. 1: Yohani 12:20-36 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ukuri ku vyerekeye ukubaho kw’Imana—td 43B (Imin. 5)
No. 3: Kubera iki bibereye ko Yehova yitwa “ya Mana itanga amahoro”?—Rom. 15:33 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Insiguro. Nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Ruheshi, mukoresheje urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi. Niba ikinyamakuru co muri Ruheshi kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara.
Imin. 15: Kuvomera imbuto twateye. (1 Kor. 3:6-9) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bibazo bikurikira: (1) Ni igiki kigutera umunezero ku bijanye n’igikorwa co kugira amasubirayo? (2) Ni ibiki bigora bamwebamwe ku bijanye no kugira amasubirayo? (3) Ni gute umuntu yotorera umuti izo ngorane? (4) Tworonka imfashanyo gute mu gihe bitugora kugira amasubirayo? (5) Ubigenza gute kugira ntiwibagire umuntu yashimishijwe be n’ivyo mwaganiriye, igisohokayandikiro wamusigiye be n’ayandi makuru amwerekeye? (6) Witegurira gute kugira amasubirayo? (7) Kubera iki ari vyiza gutegekanya umwanya wo kugira amasubirayo buri ndwi?
Imin. 10: “Nukoreshe amavidewo mu kwigisha.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bavuge ukuntu bungukiye ku kuraba amavidewo yacu imbere y’uko baba Ivyabona. Aho amavidewo ataboneka, niwerekane ukuntu twokoresha amafoto ari mu bitabu Ivyo Bibiliya yigisha na ‘Urukundo rw’Imana’ mu gutuma ivyiyumviro biriko birarimburwa vyiyandika mu mizirikanyi y’abatohoji ba Bibiliya.
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho