Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 8 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 7 ing. 14-20 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Luka 10-12 (Imin. 10)
No. 1: Luka 12:1-21 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Inkwezi y’urupfu ni iyihe?—td 41A (Imin. 5)
No. 3: Igituma tubona ko Yehova ari Data wa twese—Mat. 6:9 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Urashobora kuba isôko ry’indemesho. (Rom. 1:11, 12) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nuvuge igitigiri c’abatsimvyi basanzwe mufise mw’ishengero. Niwerekane uburyo bumwebumwe dushobora kubaremeshamwo, nko mu kubakeza, mu gukorana na bo mu ndimiro, mu kubafasha mu bijanye n’amahera yo kwiyunguruza canke mu gusangira na bo udufungurwa. Nusabe abatsimvyi bavuge ukuntu baremeshejwe n’abandi. Niba ata batsimvyi basanzwe mufise mw’ishengero, nuhindure ico kiganiro ucerekeze ku batsimvyi bo gufasha.
Imin. 10: Ivyo twigira kuri Yezu ku bijanye n’“umuhero.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2009, urupapuro rwa 16-17. Nimugire umwerekano w’ingene ayo mayagwa yokoreshwa maze mwereke umunyamuhana amayagwa ari mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, ikigabane ca 9.
Imin. 10: “Mufatire akarorero ku bahanuzi—Yona.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 13 n’isengesho