Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 28 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 28 NZERO
Ururirimbo rwa 29 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 4 ing. 15-20 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 16-21 (Imin. 10)
No. 1: Matayo 17:22–18:10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni “amajambo meza” ya Yehova ayahe Yosuwa yabonye aranguka?—Yos. 23:14 (Imin. 5)
No. 3: Abakirisu bategerezwa kwubahiriza ya ngingo ngenderwako y’uwuri umutwe—td 37B (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Mukoresheje the uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara. Nimukoreshe ikinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kugishikiriza.
Imin. 25: “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi.” Ibibazo n’inyishu. Nukoreshe ibivugwa mu ngingo ya mbere mu gushikiriza intangamarara ngufi, ibivugwa mu ngingo ya nyuma na vyo ubikoreshe mu gushikiriza insozero ngufi. Aho iyo videwo itaboneka, nimuganire ku vyiyumviro ngirakamaro biri mu kigabane ca 16 c’igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, munsi y’umutwe uvuga ngo “Umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe.”
Ururirimbo rwa 53 n’isengesho