Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 7 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 7 NZERO 2013
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 3 ing. 13-19 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Matayo 5:21-32 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Umugore ntakwiye kureka ngo umugabo wiwe amutandukanye n’Imana—td 36B (Imin. 5)
No. 3: Ico bisobanura kugira Yehova “umuturi wawe”2—Guh. 18:20 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri Nzero. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Fata amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshikirizwa, mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero ryanyu.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Ingoro y’Ubwami isukuye iratera iteka Yehova. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Kubera ko Yehova ari Imana nyeranda, isuku rikwiye kuba ikintu abasavyi biwe bitwararika cane. (Kuv. 30:17-21; 40:30-32) Kubungabunga ikibanza dusengeramwo kikaguma gisukuye kandi kimeze neza, biratuma Yehova aninahazwa. (1 Pet. 2:12) Niwigane ivyabonywe aho iwanyu canke vyasohowe mu bitabu vy’umushumba vyerekana ingene ukuntu Ingoro y’Ubwami iboneka vyashinze intahe mu kibano. Nubaze ibibazo umuvukanyi ahagarikira ibikorwa vy’ugusukura Ingoro no kuyibungabunga, avuge ingene ibintu bitunganijwe ng’aho iwanyu. Nuremeshe bose kugira uruhara mu bikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami.
Ururirimbo rwa 127 n’isengesho